Cyril Ramaphosa yongeye gutorwa kuba perezida wa Afrika y'Epfo

    • Umwanditsi, Barbara Plett Usher
    • Igikorwa, Akurikirana inkuru za Africa
    • Umwanditsi, Sofia Ferreira Santos
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, Michael Sheils McNamee
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Inama nshingamateka ya Afrika y'Epfo yaraye isubiye gutora Cyril Ramaphosa nk'umukuru w'igihugu inyuma y'aho habonekeye umwumvikano w'urunani hagati y'umugambwe uri ku butegetsi (ANC) n'imigambwe itavuga rumwe na wo.

Iyo reta nshasha y'ubumwe ihuza ANC ya Ramaphosa, Democradic Alliance (DA) iri hagati na hagati mu ruhande rw'abagendera ku vyiyumviro vy'i buryo (center right/centre droite) hamwe n'iyindi migambwe mito mito.

Mw'ijambo ryiwe ryo kwakira intsinzi, Ramaphosa yarahayagije urwo runani rushasha, avuga ko ababatoye biteze indongozi ''gukorera hamwe ku neza y'abantu bose mu gihugu cacu''.

Uwo mwumvikano wabonetse ku munsi waranzwe na zuguzuguru nyinshi aho inama nshingamateka yagiye gukorana bwije kugira itore yemeze uzoba arongoye iyo reta nshasha.

Imbere y'aho hari habaye ukwumvikana inyuma y'iminsi abantu bibaza uwo ANC izokwemera ko bakorana inyuma yo gutakaza ubwiganze mu nama nshingamateka ubwa mbere mu myaka 30 mu matora yabaye mu kwezi guheze.

Yaronse amajwi 40%, DA nayo iza ubwa kabiri ku majwi 22%.

Uwo mwumvikano watumye Ramaphosa - yasubiriye Jacob Zuma nk'umukuru w'igihugu n'umukuru w'umugambwe inyuma yo kugwanira ubutegetsi mu 2018 -ashobora kuguma ku butegetsi.

Intambwe igiye gukurikira ni iy'uko Ramaphosa atanga ibibanza muri reta, aho hakazoba harimwo abo muri DA.

Uwo mwumvikano w'imigambwe myinshi nturimwo imigambwe ibiri yiyonkoye kuri ANC, kandi aho itegeye kugira iduze amajwi ni uko iyo reta nshasha yonanirwa no kuzana akarusho mu butunzi abanyagihugu barindiriye.

Ariko amatohoza y'ico abantu bibaza yerekana ko abanya-Afrika y'Epfo benshi bashaka ko urwo runani rutari bwigere rubaho rwoshika ku vyo abanyagihugu barwitezeko.

ANC yari imaze imyaka 30 yama itorwa ku majwi arenga 50% kuva habaye amatora ya mbere mu 1994, aho Nelson Mandela yaca aba umukuru w'igihugu.

Ariko gushigikira uwo mugabwe kwagumye kugabanuka cane kubera ishavu ritewe n'urugero runini rw'ibiturire, kutaronka akazi hamwe n'ivyaha.

Mw'ijambo yashikirije inama nshingaateka ahejeje kwemezwa, Ramaphosa yibukike intsinzi ya mbere y'umugambwe wiwe haraheze imyaka 30.

''Twari ngaha mu 1994, igihe twarondera kwunga igihugu no kunywanisha abantu - none n'ubu turi ngaha,'' niko yavuze.

Urunani rwa DA na ANC n'akatabonetse kuko iyo migambwe ibiri ari abakeba.

Kuri Nelson Mandela, ANC yiyamamaza ishira imbere kurwanya intwaro ivangura amoko ya apartheid gutyo ica itsinda amatora ya mbere ya demokarasi muri ico gihugu.

Abanegura DA bayagiriza kugerageza gukingira inyungu z'ubutunzi z'inkehwa z'abazungu muri ico gihugu baronse mu gihe ca apartheid - ivyo uwo mugambwe wama uriko urahakana.

Mw'ijambo yashikirije abashingamateka ku wa gatanu i Cape Town, John Steenhuisen, umukuru wa DA, yavuze ati: '' Uyu munsi ni umunsi w'amateka ku gihugu cacu, kandi nibaza ko ari intango y'ikigabane gishasha.''

Inama nshingamateka kandi yaciye irahiza umukuru wayo mushasha ava muri ANC, mu gihe icegera ciwe ava muri DA.

Mu bashikirije ijambo hahejeje kuba uwo mwumvikano harimwo Julius Malema, umukuru wa Economic Freedom Fighters -umugambwe yashinze ahejeje kuva muri ANC mu 2013.

Yavuze ko mu gihe umugambwe wiwe wemeye ''ibivuye mu matora n'aho abanyagihugu ba Afrika y'Epfo bashize'' yaneguye uwo mwumvikano, avuga ati: ''Ntitwemera ubwo bugeni buhagaze ku nyungu, bwo gukomeza ubwiganze bw'abazungu mu butunzi n'uburyo bwo gushika ku mwimbu muri Afrika y'Epfo.''