Umwe mu bakuru b'abagwanyi ba ADF yiciwe muri DR Congo

Yatangajwe

Abasirikare ba Uganda bari kumwe n'aba Republika ya Demokrasi ya Congo bishe umwe mu bakuru b'umuhari wiyitirira idini rya Islam ADF n'abandi bagwanyi batatu kuri uyu wa gatnu, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru co muri uganda, The Monitor.

Umuvugizi wa UPDF Maj Bilala Katamba agira ati:"Mu bikorwa vya gisirikare vya Shujaa, igisirikare ca Uganda,UPDF kiri kumwe n'ica RD Congo cishe umwe mubakuru b'abagwanyi ba ADF yitwa Fazul, yari mu kiyaya ca Mwalika."

Inkuru zitangwa na UPDF zivuga ko uwo mugwanyi mukuru yishwe afise ubwenegihugu bwa Tanzania.

Yishwe ari kumwe n'uwundi mugwanyi umwe wa ADF mu ntara ya Kivu ya ruguru.

Itariki 23 z'ukwezi kw'umunani mu 2023, ingabo zifashanya urugamba zirongowe na UPDF mu karere ka Kanana, Makisabo, Kivu ya ruguru zarashoboye kandi kwica abagwanyi babiri ba ADF, hafatwa na radio bakoresha mu gutumatumanako za gisirikare nyinshi cane, nk'uko vyamenyeshejwe na Maj Katamba mu bimenyeshamakuru.

Kuva mu mwaka wa 2021, abasirikare ba Uganda bari muri RD Congo mu gikorwa co gutuza abagwanyi ba ADF.

Mu kwezi kwa gatatu k'uyu mwaka, abakekwa ko ari abagwanyi b'umuhari wa ADF bishe abantu nibura 17 mu buseruko bwa Repubulika ya Demokrasi ya Congo, ubu bukaba ari ubwicanyi bwa kabiri mu gihe kidashika indwi bwagirijwe uwo muhari.

Abateye kandi banaturiye amazu muri ico gitero cabaye mu rukerera rwo ku wa Mungu mu karere ka Kirindera muri Kivu ya Ruguru.

Mu mpera z'umwaka uheze, abitwaje ibigwanisho b'umuhari Allied Democratic Forces (ADF) bateye agace ko mu burengero bwa Uganda gahana urubibe na RD Congo, igisirikare ca Uganda kivuga ko cishe 11 muri abo bateye abandi umunani bagafatwa.

Umuvugizi w’igisirikare yatangaje ko umugwi warimwo hagati ya 20 na 30 w'abo bagwanyi– mu bisanzwe bafise ibirindiro mu bice vy’intara ya Ituri ya Congo – ujabutse umugezi wa Semuliki bakinjira mu gace ka Kyanja mu karere ka Ntoroko gahana urubibe na RD Congo.

Ibinyamakuru Vyo muri Uganda vyavuze ko abantu amajana bahunze igitero c'abo bagwanyi mu gitondo co ku musi wa kabiri.

Amashusho y’abariko barahunga yarashizwe ku mbuga hwaniro.

Brig Gen Felix Kulayigye, umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, yatangaje kuri Twitter ko “intambara iriko iraba ari iyo gutuza burundu uwo mugwi”.