Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Euro 2024 : Menya aba bakinyi 11 bakomoka muri Afrika batoranijwe gukina muri iri higanwa
- Umwanditsi, Ousmane Badiane
- Igikorwa, Digital Journalist
- Yatangajwe
Mu bakinyi batowe kugira ngo bakinire ibihugu vyabo mw’ihiganwa ry’igikombe rihuza imirwi nserukirabihugu vya Bulaya muri uno mwaka wa 2024 (ihiganwa rizwi nka Euro 2024), hari benshi bafise amamuko muri Afrika kandi baba barakiniye ibihugu bakomokamwo mu mahiganwa y’igikombe ca Afrika (CAN/AFCON).
Bamwe muri bo ni ibihangange kw’isi, abakinyi b’ivyitegererezo kandi kirumara mu mirwi yabo.
BBC Afrique irabereka abakinyi 11 bamuka muri Afrika bazokina muri iri higanwa rya Euro 2024, ritegekanijwe gutangura mu ndwi iza, ku wa 14 Ruhesih (6), rirangire ku wa 14 Mukakaro (7) mu Budagi.
Brice Samba (akinira Ubufaransa, akomoka muri Congo)
Brice Samba, umunyegori w’umurwi RC Lens wo mu Bufaransa, yaratumweko ku ncuro ya mbere n’umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu w’Ubufaransa Didier Deschamps mw’ihuriro ry’uno murwi muri Ntwarante (3) 2023.
Uno munyegori w’umusubirizi w’aba-Bleus akomoka ku bavyeyi bamuka muri Congo Brazzaville akaba yavutse ku wa 25 Ndamukiza (4) 1994, avukira ahitwa Linzolo, ku birometero 20 mu bumanuko bwa Brazzaville, umugwa mukuru wa Repubulika ya Congo.
Inyuma y’amashure yiwe mw’ishure ry’umupira w’amaguru ry’uno murwi i Havre, Brice Samba akinira umurwi RC Lens kuva mu 2022, inyuma yo gukina mu mirwi ya Marseille, Caen mu Bufaransa, hamwe na Nottingham Forest muri Premier League mu Bwongereza.
Ku myaka 30 neza na neza, akaba atari bwigere atumwako n’umurwi nserukiragihugu imbere y’uwa 24 Ntwarante 2024 igihe Ubufaransa bwakina n’Ubuholande, Brice Samba azokina urukino rwiwe rwa mbere mpuzamakungu nk’umusubirizi, inyuma ya Mike Maignan.
Antonio Rüdiger (akinira Ubudagi – akomoka muri Sierra Leone)
Nk’umwe mu bakinyi rutura kw’isi, Antonio Rüdiger yavukiye mu Budagi mu 1993, avyarwa na nyina w’umunya Sierra-Léone yari yahunze intambara yo mu gihugu ciwe, na se w’Umudagi.
Nk’umukinyi azwi cane ko ata gahengwe aha uwuhanganye na we, n’ubushobozi bwiwe mu kuzibira no mu mupira w’umutwe, Rüdiger yatanguye gukina umupira mw’ihiganwa ry’Ubudagi, Bundesliga, ku wa 19 Nzero 2012 mu murwi Stuttgart afise imyaka 18.
Inyuma y’umwanya akina muri Bundesliga, uno cugazo atoroshe yimukiye muri Roma umurwi wo mw’ihiganwa ry’Ubutaliyano, Serie A, kuva mu 2015 gushika mu 2017, aho yaciye yimukira muri Premier League akinira umurwi Chelsea.
Nk’inkingi y’uruhande rw’inyuma muri Real Madrid, Antonio Rüdiger ntiyatevye kwiha icicaro muri uno murwi wo muri Espagne yinjiyemwo mu ci rya 2022.
Nk’umukinyi kandi adashobora guhara, Rüdiger afise ijambo rikomeye mu murwi nserukiragihugu w’Ubudagi yatanguye gukinira mu 2014. Ku nkino 68, uno cugazo aherutse gutahukana igikombe kigira kabiri c’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Bulaya (Ligue des Champions/Champions League, ica mbere akaba yagiteruye mu 2021 muri Chelsea) ararondera kwerekana ko ari igihangange mu murwi nserukiragihugu w’Ubudagi no gutsindira igikombe ca mbere gikomeye mu murwi wiwe.
Nathan Aké (akinira Ubuholande – akomoka muri Côte d’Ivoire )
Nathan Benjamin Aké yavutse ku wa 18 Ruhuhuma (2) kuri se yamuka muri Côte d’Ivoire na nyina akomoka mu Buholande, yarakinye mu mirwi yose y’urwaruka y’Ubuholande.
Nk’umukinyi w’inyuma afise ubuhinga bukomeye ariko w’imbaga zibayabaye, amaze gukina inkino 13 mu murwi nserukiragihugu w’Ubuholande.
Uno mukinyi w’inyuma aherutse gutahukana ihiganwa ry’Ubwongereza mu murwi wiwe wa Manchester City yari gushobora gukinira umurwi nserukiragihugu wa Côte d’Ivoire, Eléphants (Inzovu mu kirundi), ari na wo ufise igikombe ca Afrika.
Mu vy’ukuri, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Côte d’Ivoire n’uwahoze ari umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wayo, Marc Wilmots, baragerageje kumuhendahenda ko yoja gukinira Côte d’Ivoire mu 2017. Ariko uno mukinyi yari asanzwe akinira Bournemouth ico gihe yaranse kuja gukinira igihugu c’amavukiro ya se wiwe.
Nathan Ake azwi nk’umukinyi w’inyuma afise ubuhinga bwo hejuru kandi w’inguvu, ibi bigatuma uwo bahanganye atoroherwa iyo ari umwe ku wundi. Nta nkeka ko azoba ari umwe mu bakinyi kirumara mu murwi nserukiragihugu w’Ubuholande muri iyi Euro 2024.
Manuel Akanji (akinira Ubuswisi – akomoka muri Nigéria )
Uno mukinyi yavutse ku wa 19 Mukakaro (7) mu 1995, avukira ahitwa Neftenbach kuri se w’umunya-Nigéria, umuhinga mu bijanye n’amafaranga, na nyina w’umuswisi, umukinyi karuhariwe wa tennis.
Manuel Akanji yatanguye gukinira umurwi nserukiragihugu w’Ubuswisi, la Nati, ku wa 9 Ruheshi (6) 2017, igihe iki gihugu cahura n’amazinga ya Féroé.
Nubwo yari gushobora gukinira umurwi nserukiragihugu wa Nigéria, Super Eagles, Manuel Akanji, yahisemwo gukinira Ubuswisi kuva imyaka hafi cumi iheze.
Inyuma y’igihe yamaze akinira Borussia Dortmund iherutse gutsindwa 2-0 na Real Madrid muri Ligue des Champions, Akanji yaguzwe na Manchester City mu 2022.
Mu mwaka w’inkino wa 2022-2023, yagize uruhara muri City igihe itahukana ibikombe bitatu: ihiganwa ry’Ubwongereza, igikombe c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ry’Ubwongereza (FA Cup), hamwe na Ligue des champions.
Yari abaye Umuswisi agize kane muri kahise k’Ubuswisi atahukanye Ligue des Champions, inyuma ya Stéphane Chapuisat (Dortmund mu 1997), Ciriaco Sforza (Bayern Munich mu 2001) na Xherdan Shaqiri (Bayern Munich mu 2013 na Liverpool mu 2019).
Jules Koundé (akinira Ubufaransa – akomoka muri Bénin)
Umukinyi afise nyina w’Umufaransakazi hamwe na se wiwe yamuka muri Bénin, Jules Koundé ni umukinyi w’inyuma, akaba yigiye umupira mu murwi Girondins de Bordeaux mu Bufaransa. Kuva mu 2019, akina mw’ihiganwqa rya Espagne, aho yatanguriye muri FC Séville ubu akaba ari muri Barcelona kuva muri Ruheshi (6) 2022.
Ku myaka 25, uno mukinyi agifise umuryango muri Bénin akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa kuva mu 2021.
Inyuma y’aho ahamagariwe giturumbuka na Didier Deschamps mw’ihiganwa Euro 2020 (ryakinywe mu 2021), uno mukinyi w’inyuma yamuka muri Bénin ubu asa n’uwufise ikibanza ntayegayezwa mu murwi w’Ubufaransa, les Bleus. Ubu yiteguriye gukina mw’ihiganwa mpuzamakungu ku ncuro igira gatatu n’umurwi wiwe, inyuma y’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu 2022 aho Ubufaransa bwaje mu kibanza ca kabiri.
Mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu 2022, Jules Koundé yatanguye ihiganwa nk’umusubirizi, imbere yo gufata ikibanza muri 11 ba Didier Deschamps nk’umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’i buryo. Iki kibanza ni co camutwaye igihe kirekire kugira ngo akimenyere, ari na co akinamwo muri FC Barcelona, kandi ni naco akinamwo mu murwi nserukiragihugu kuva ihiganwa ry’igikombe c’isi yose rirangiye.
N'Golo Kanté (akinira Ubufaransa – akomoka muri Mali)
Nk’umukinyi azwi ko ataruha, afise ubuhinga budasanzwe bwo kugarura imipira, yicisha bugufi kandi afise umutima wo gukorana n’abandi, N'Golo Kanté yabaye inkingi y’umurwi wa Didier Deschamps watahukanye igikombe c’isi yose mu 2018.
Inyuma y’igihe kirekire yamaze ahendahendwa ngo aje gukinira Mali, igihugu c’abavyeyi biwe, uno mukinyi wo hagati yatanguye gutumwako mu murwi nserukiragihugu w’Ubufaransa ku wa 17 Ntwarante (3) 2016.
Kanté yatanguye gukinira umurwi Stade Malherbe de Caen wo mu Bufaransa, imbere yo kwigaragaraza bikomeye mu mirwi yo muri Premier League, muri Leicester City hanyuma muri Chelsea.
ʺUno mugabo w’amahaha 3‶ ntiyatevye kumenyera umukino w’inguvu wo mu Bwongereza mbere akaba yari bitumwako mu Leicester watahukanye ihiganwa ry’Ubwongereza mu 2015-2016 hamwe no muri Chelsea aho yatsindiye ibikombe vyinshi nka Premier league, Ligue Europa na Ligue des Champions.
Muri Ruheshi 2023 uno Mufaransa yarasezeye muri Chelsea inyuma y’imyaka indwi yayimazemwo hanyuma yimukira muri Al-Ittihad yo muri Arabia Sawudite.
Ku ncuro ya mbere kuva avuye muri Chelsea mu ci rya 2023 akimukira muri Arabia Sawudite, N’Golo Kanté yatumweko n’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa mw’ihiganwa rya Euro 2024. Ku myaka 33, uno mukinyi wo hagati nta nkeka ko azoba kirumara kuri aba ba Bleus arondera irindi teka rishasha ku mugabane wa Bulaya.
Denis Zakaria (akinira ubuswisi – amamuko ya Sudani y’Epfo/RD Congo)
Denis Zakaria w’imyaka 26 yavukiye i Genève kuri nyina akomoka muri Sudani y’Epfo na se akomoka muri RD Congo. Yari gushobora gukinira kimwe muri ibi bihugu vyompi, ariko yihutiye guhitamwo Ubuswisi, igihugu c’amavukiro.
Zakaria yize amashure yiwe y’umupira mu murwi Servette FC, kuva mu 2004 gushika mu 2014, aho yahejeje agaca atera igikumu ku masezerano yiwe ya mbere nk’umukinyi yabigize umwuga. Ku myaka 17 gusa, niho yatanguye gukina urukino rwiwe rwa mbere muri Munyonyo (11) 2014, ahura na FC Lausanne-Sport.
Nk’umukinyi aboneka ko yari afise ubuhinga, mu ci ry’umwaka wakurikiye yinjiye mu murwi Young Boys de Berne.
Ku myaka 21 mu ci rya 2017, Denis Zakaria yavuye mu gihugu ciwe c’amavukiro yinjira muri Borussia Mönchengladbach mw’ihiganwa ry’Ubudagi Bundesliga.
Inyuma y’imyaka itanu yamaze mu Budagi, yimukiye muri Juventus de Turin muri Nzero (1) 2022 mw’ihiganwa ry’Ubutaliyano, Série A, arakina no mw’ihiganwa Ligue des Champions. Mu nyuma yatijijwe muri Chelsea mu mwaka w’inkino wa 2022-2023, hanyuma muri Myandagaro 2023 aza gutera igikumu ku masezerano y’imyaka itanu na AS Monaco, akaryo ko kwiga irindi higanwa mu Bufaransa.
Ubuhinga bwiwe mu mirwi yakiniye bwatumye atumwako incuro nyinshi mu murwi nserukiragihugu w’Ubuswisi kuva afise imyaka 19.
Nk’umukinyi akomeye muri ʺla Nati ‶, yaraserukiye igihugu ciwe mu nkino mpuzamakungu nyamukuru zine ziheruka (ihiganwa rya Bulaya 2016 na 2020, igikombe c’isi yose mu 2018 na 2022).
Nubwo afise ikibanza gikomeye mu murwi w’Ubuswisi, Denis Zakaria yamye yerekana urukundo afitiye amamuko yiwe ya Afrika, cane cane mu kuja muri DR Congo no mu kigwati c’amavuko ya nyina wiwe, muri Sudani y’Epfo, akaba mbere avuga n’ururimi rwaho.
Leroy Sané (akinira Ubudagi – akomoka muri Sénégal)
Umuhungu wa Souleymane Sané yahoze akinira Senegal, akaba yayikiniye incuro 55 mu myaka ya 1990, hamwe n’Umudagikazi yatahukanye umudari wa Olempike Regina Weber, Leroy Sané yafashe ingingo yo gukinira umurwi nserukiragihugu w’Ubudagi mu 2015.
Uno mukinyi wo ku ruhande wa Bayern Munich yavugwa cane mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Sénégal yari gushobora guhonyora mu makanda ya se wiwe agakinira umurwi nserukiragihugu wa Sénégal, Lions de la Teranga.
Uno mukinyi w’imyaka 28 yitiriwe Claude Le Roy, yahoze amenyereza umurwi wa Sénégal, afatwa nk’abakinyi beza cane mu mupira w’amaguru mu Budagi kuva kera.
Leroy Sané yavuze ko yiteguye gukinira Ubudagi mu rukino rwa nyuma rwo kwitegurira Euro 2024 kuri uno wa 7 Ruheshi n’Ubugiriki, akaba atari bwakinire Ubudagi kuva muri Munyonyo (11) 2023.
Ku wa mbere itariki 3 Ruheshi, urukino hagati y’Ubudagi na Ukraine rwarangiye ari 0-0. Leroy Sané ntiyakinye kuko yari mu gihano aho yagaharitswe gukina inkino zitatu.
Uno mukinyi wo ku ruhande wa Bayern Munich yinjiyemwo avuye muri Manchester City, afise umunezero wo kubona azokina muri iri higanwa akaba afise icizere co kuzoritsindira ari muri uno murwi, cane cane ko azoba akinira muhira.
Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubudagi Julian Nagelsmann yaragenye Sané ku rutonde rw’imfatakibanza rw’umurwi wiwe uzokina muri Euro nubwo afise imvune, ariko akaba yaramugabishije mu gihe ihiganwa ryimirije gutangura, amusaba kwitanga gusumba.
Bukayo Saka (akinira Ubwongereza – akomoka muri Nigéria)
Uno mukinyi wo ku ruhande wa Arsenal yavukiye mu nkengera za Londres, umugwa mukuru w’Ubwongereza, ku bavyeyi b’abanya-Nigeria kandi igihe kimwe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Nigeria rikaba ryaramwegereye rimusaba ko yoja gukinira aba Super Eagles, yiteguriye gukina ku ncuro igira kabiri mw’ihiganwa ry’igikombe ca Bulaya.
Nk’umukinyi mpuzamakungu w’Umwongereza kuva mu kw’icumi 2020, Bukayo Saka yakinye urukino rwa mbere mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza muri Munyonyo 2020.
Bukayo Saka asigura ko kuvukira agakurira mu Bwongereza vyatumye adahitamwo gukinira umurwi nserukiragihugu wa Nigeria. Inyuma y’igihe kirekire yijijanya imitima, uno mukinyi we nyene ni we yifatiye umwanzuro, akavuga ko vyagoye ko ahitamwo Nigeria kubera ubuzima bwiwe bwite yakuriyemwo.
Ati : ʺGuhitamwo Nigeria aho guhitamwo Ubwongereza yari kuba ingingo itoroshe gufata.
ʺUmuryango wanje wose uba mu Bwongereza kuva kera, ntivyari kunyorohera kumenyera ahantu ntigeze mponyoza ikirenge kuva mu bwana bwanje‶.
Saka yakiniye Ubwongereza kuva mu mirwi y’abatarenza imyaka 16, 17, 18, 19 na 21.
Uno mu-Gunner yaratahukanye agashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka w’Umwongereza mu 2022 na 2023.
Romelu Lukaku (akinira Ububirigi – akomoka muri RD Congo )
Romelu Lukaku yavutse ku wa 13 Rusama (5) 1993 i Anvers mu Bubirigi, ku bavyeyi b’Ababirigi bakomoka muri DR congo. Yatanguye gukina afise imyaka 16 mu murwi wamwigishije Anderlecht, ivyamutumye aba umukinyi wa mbere yari akiri muto yakinye Ligue des Champions muri uno murwi wo mu Bubirigi.
Mu mwaka wagira kabiri kuva atanguye gukina, mu 2009-2010, uno musatirizi w’Umubirigi yahejeje ihiganwa ari we mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’Ububirigi.
Mu 2011, yinjiye muri Premier League mu gutera igikumu muri Chelsea ariko akaba yaciye atizwa muri West Bromwich aho yinjije ibitsindo 17 mu nkino 35 z’ihiganwa.
Lukaku yabandanije akina mu Bwongereza muri Everton hanyuma akinira Manchester United imyaka ibiri. Mu 2021, yavuye mu Bwongereza yinjira muri Inter Milan yo mu Butaliyano aho yinjije ibitsindo bitari bike aranatahukana ihiganwa ari muri uno murwi.
Nk’umukinyi wa AS Roma ubu, Romelu Lukaku, umusatirizi w’igihangange w’umurwi nserukiragihugu w’Ububirigi agiye kugerageza kurōngōra bagenziwe mu rugamba rwo kuronderera Ububirigi igikombe ca mbere ca Bulaya.
Ku bitsindo bine yinjije igihe ahura na Azerbaïdjan mu rukino rwa nyuma rw’imyiteguro, Romelu Lukaku yahejeje inkino zo kwitegurira Euro 2024 ari we mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi, 14 vyose hamwe.
Kylian Mbappé (akinira Ubufaransa – amamuko ya Cameroun na Algeria)
Nta nkeka ko ari umwe mu bihangange bizokurikiranirwa hagufi muri iyi Euro 2024. Kylian Mbappé ariko aravugwa cane inyuma yo gutera igikumu ku masezerano yo gukinira Real Madrid, hasigaye imisi mike ngo Euro 2024 itangure, ihiganwa yipfuza gutsindira mu murwi w’Ubufaransa.
Nk’umukinyi avuka kuri se w’umunya-Cameroun na nyina w’umunya-Algeria, Kylian Mbappé ntiyatevye guhitamwo gukinira Ubufaransa, aho yatanguye mu 2017 afise imyaka 18.
Ku myaka 25 ubu, inyuma y’imyaka indwi yari amaze akinira Paris Saint-Germain, uno musatirizi w’Ubufaransa ariko yitegurira ihiganwa rigira kabiri ry’igikombe ca Bulaya amaze gushika ku rwego rudasanzwe.
Mbappé amaze gukora nk’ivy’abakambwe mu mupira w’amaguru, inyuma yo gutahukana igikombe c’isi yose mu 2018 ari naho yari akinye iri higanwa ku ncuro ya mbere, mu 2022 naho agakina urukino rwa nyuma (finale), mbere akaba ari na we mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi muri iri higanwa ryabereye muri Qatar, akaba afise n’ibindi bikombe vyinshi muri Ligue1, no mu mahiganwa yandi yo mu gihugu.
Umuvuduko wiwe, ubuhinga bwiwe n’ukutagugumwa imbere y’igori vyamugize umwe mu basatirizi karuhariwe kw’isi.
Abajijwe ku ngorane y’uko atarashobora gutahukana ihiganwa rya Bulaya, uno mukinyi mushasha wa Real Madrid avuga ko bigoye gutsindira Euro gusumba igikombe c’isi yose.
Inyuma yo kugenwa nka kizigenza w’Ubufaransa inyuma y’igikombe c’isi yose mu 2022, ni we agiye kuyobora bagenziwe mu kugerageza kurondera igikombe kigira gatatu ca Bulaya, ari naco coba kibaye ica mbere kuri we.