Inyuma y'uko Urwanda rwikuye muri CEEAC, RDC 'igabisha ku ngendo zishobora gusambura ituze mu karere'

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Inyuma y'aho Urwanda rutangarije ko rwikuye mw'ishirahamwe ry'ubutunzi rihuza ibihugu vya Afrika yo Hagati (Communauté Économique des États de l'Afrique Centrale, CEEAC), reta ya Repuburika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo) "iragabisha ku nyifato zishobora guhungabanya umutekano n'ituze vy'akarere".

Ku wa gatandatu, reta y'Urwanda yatangaje ko ikuye akarenge muri iri shirahamwe inyuma yo kuryagiriza ko ari igikoresho ca RD Congo, kandi ko iki gihugu gishigikiwe n'ibihugu bimwe bimwe itavuze.

Mw'itangazo ryaraye risohowe n'ubushikiranganji bwa RD Congo bujejwe imigenderanire, reta ya Kinshasa "yibutsa ko imvururu zirangwa mu buseruko bw'igihugu, hamwe n'ukutumvikana hagati yayo n'Urwanda, ziterwa ahanini n'ibikorwa vy'agasomborotso".

"Ibi bikorwa bihonyanga ingingo ya 34 y'amasezerano mashasha ya CEEAC, abuza ikoreshwa ry'inguvu mu buryo ubwo ari bwo bwose hagati y'ibihugu bigize iri shirahamwe", niko iri tangazo rivuga.

Reta ya RD Congo yibutsa ko "n'ingingo ya 2773 y'Inama nkuru y'Umutekano mw'ishirahamwe ONU itegeka ko ingabo z'Urwanda zitahukanwa bidatevye".

Mu gihe Urwanda ruvuga ko inama isanzwe ya 26 ya CEEAC yabaye ku wa gatandatu i Malabo, umugwa mukuru wa Guinée équatoriale, yirengagije n'ibigirankana ingingo ya 6 y'amasezerano yari gutuma rufata uburongozi bw'iri shirahamwe, Kinshasa ibona ko ata vyo "kuzana ivy'uburenganzira kanaka ubanje guhonyanga inshingano shingiro ry'aya masezerano hamwe n'uburenganzira bw'ikindi gihugu kiri mw'ishirahamwe".

RD Congo ifise impungenge ku co ivuga ko ari ingendo imaze kuba akamenyero, ingendo yo "kwikura mu masezerano canke kuzibira umugambi kanaka iyo ubajijwe ku vyo wakoze ku bijanye n'ivyo amasezerano ategekanya".

Kuva imyaka itari mike, Urwanda rwamye rwagirizwa ko rufasha mu gushinga no gufata mu mugongo imirwi yagiye ivuka irwanya reta ya RD Congo kuva iki gihugu cinjiye mu ntambara mu myaka ya 1990, ubu rukaba rwagirizwa ku ari rwo rufatiye umuriro umuhari M23 wegukira urunani AFC, usanzwe warigaruriye uturere tutari duke two mu ntara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo.

Iri tangazo ryerekana ko iyi nyifato "kuva kera yamye irenzwako uruhu rw'amaso, yatumye haba amasezerano atigeze ashirwa mu ngiro, vyatumye atigera arama".

Reta ya Kigali ibandanya ihakana ivyo yagirizwa, ko ahubwo yoyo ifata ingingo zo gucungera imbibe z'ubutaka bwayo, ikavuga ko imvururu zibera muri ako gace zigira ingaruka ku mutekano w'igihugu.

RDC isaba inzego z'akarere n'izo ku rwego mpuzamakungu kwama zirikanuye ku kintu cose cobangamira ubumwe hagati y'ibihugu, kandi zigafata ingingo nyazo zo "kwubahiriza amategeko, inshingano n'ubusugire bw'ibihugu".

'DRC ikwiye kwita ku bibazo vyayo... aho kwagiriza ibindi bihugu'- Reta y'Urwanda

Mu gihe reta ya Congo yagiriza Urwanda ko ari rwo soko ry'imvururu zirangwa muri ico gihugu, cane cane mu buseruko bwaco, Kigali yo ivuga ko izi ndyane zatewe na Congo ubwayo.

Mu kiganiro yagiranye n'imboneshakure RTV inyuma yo kwikura muri iri shirahamwe, Olivier Nduhungirehe, umushikiranganji w'imigenderanire y'Urwanda n'ayandi makungu, avuga ko Congo ata gihugu na kimwe ikwiye kwegekako izo mvururu.

Ati: "Kuko Congo ni yo ishigikira uyu mutwe wakoze jenoside wa FDLR, ni yo ishyigikira imitwe yitwaje intwaro [ibirwanisho] y'Abanyecongo za Wazalendo n'iyindi, ni Congo yazanye abacanshuro [abacangero], binyuranyije n'amategeko mpuzamahanga, ni Congo yateye Urwanda incuro nyinshi [...].

"Kugira ngo rero Congo ibe ikora ivyo vyose hanyuma ikaba ari yo irega ikindi gihugu, ni ikibazo gikomeye".

Muri iyo nzira nyene, inama nshikiranganji y'Urwanda yakoranye ejo ku wa mbere yashimangiye icemezo cayo co kwikura burundu muri iryo shirahamwe, ikagiriza RD Congo kwica "ku mugaragaro amahame n'amategeko y'uyu muryango, igamije kwanduza isura y'u Rwanda ndetse no kurushotora", nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe inyuma y'iyo nama.

Iri tangazo ribandanya riti: "DRC ikwiye kwita ku bibazo bikomeye by'imbere mu gihugu bimaze igihe, aho kwirirwa ishinja [yagiriza] ibindi bihugu mu nama mpuzamahanga, ishaka kwihunza [guhunga] inshingano zayo".

Iyo nama nshikiranganji yabonye ko ishirahamwe CEEA ataco ryakoze kugira ngo rihagarike rihagarike "iyo mikorere mibi yangiza [yonona] isura y'u Rwanda", mbere ko yabandanije "no mu gihe cy'ubuyobozi bwasimbuye ubwa Repubulika Iharanira Demokarais ya Kongo".

Urwanda ruvuga ko ruzobandanya guharanira amahoro biciye mu biganiro, no kugira uruhara rwuzuye mu twigoro two kurondera amahoro duhagarariwe n'Abanyafrika, hamwe n'utundi dushigikiywe na Reta Zunze ubumwe za Amerika hamwe na Qatar.

Uku kutumvikana na RD Congo ni kwo kwatumye reta y'Urwanda ikura akarenge muri iri shirahamwe ryari rigizwe n'ibihugu 11, ari vyo Uburundi, Angola, Cameroun, Centrafrique, Tchad, DRC, Repubulika ya Congo (Brazzaville), Guinée équatoriale, Gabon, São Tomé-et-Principe, n'Urwanda rwasezeye.