Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanganyika: Bamwe mu bashingamateka mu Burundi basabira abarovyi kworoherezwa
Bamwe mu bagize inama nshingamateka y'u Burundi baraye basavye leta kuba irabangiriye gushira mu ngiro ingingo yafashwe n'ubuyobozi bw'ibihugu bine bihuriye ku kiyaga Tanganyika.
Iyo ngingo ni iyo kumara amezi atatu ata murovyi asubiye gukandagira mu kiyaga Tanganyika, mu ntumbero yo kurindira umwimbu w'amafi ngo wisununure.
Iyo ngingo yategerezwa kuzotangura gushirwa mu bikorwa kw'itariki 15 z'uku kwezi kwa gatanu.
Muri ibi bihugu bine bihuriye kuri ico kiyaga, n'ukuvuga u Burundi, Tanzania, DR Congo na Zambia, bimaze kumenyekana ko Tanzania na Congo bititeguye kuyikurikiza.
Umwe mu bashikirije amakenga mu Burundi kuri iyo ngingo ni umushingamateka Agathon Rwasa, yasiguriye Florentine Kwizera zimwe mu ngorane babona yotera (umva ico kiganiro aho hejuru).