Umukuru w'igihugu ca Madagascar w'umusirikare yarahiye ashimira aba Gen Z ku myiyerekano bateguye

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Sammy Awami
- Igikorwa, BBC Africa
- Yakoze inkuru ari, Antananarivo
- Umwanditsi, Omega Rakotomalala
- Igikorwa, BBC Monitoring
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 5
Col Michael Randrianirina yarahiriye kuba umukuru w'igihugu mushasha wa Madagascar inyuma y'imisi mike igisirikare gifashe ubutegetsi bw'iki gihugu co mw'ibahari Indiano.
Yashimiye urwaruka rwagiye mu mabarabara mu kiringo c'amayinga menshi y'imyiyerekano yatumye umukuru w'igihugu Andry Rajoelina ahunga igihugu, bituma abogozwa.
Ibirori vyo kurahira vyabereye muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ku murwa mukuru Antananarivo, aho abantu benshi bari bavyitabiriye - harimwo n'abari barongoye iyo myiyerekano.
Yavuze ati: "Uyu munsi ni umunsi w'impinduka ku gihugu cacu. Dufise abantu b'inkerebutsi cane, bafise inyota y'impinduka... mu munezero, dutanguriye hamwe ibihe bishasha mu buzima bw'igihugu cacu".
Ico gihugu cahoze gitwarwa n'Ubufaransa mu gihe c'ubukoloni ubu cinjiye mu kiringo mfatakibanza, kizoba cuzuye intambamyi za politike n'amategeko - naho hariho icizigiro c'ukwigengesera ku ntwaro ya Col Randrianirina.
Umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, Florent Rakotoarisoa, yaneguye amakungu kubera avuga ko ivyabaye Madagascar ari itembagazwa ry'ubutegetsi.
Yarahakanye ko habaye ihongangwa ry'ibwirizwa shingiro muri Madagascar, ahubwo aritako umwikomo ko ari ryo ryatumye ibintu biyangara.
Abari mu myiyerekano bari bizigiye ko Rajoelina yari gutanga imihoho gusa, agaca abisikanya ku butegetsi mu buryo bubereye kandi bushingiye kuri demokarasi.
Ariko, yarihambiriye ku butegetsi, yirukana abagize reta yiwe yongera agira urukurikirane rw'ibiganiro n'imigwi itandukanye y'abanyagihugu, ivyo bikaba ari utwigoro tutari dukwiye kugira bihumurize abari mu myiyerekano.
Iyo myiyerekano yatanguye mu kwezi guheze kwa Nyakanga (9), yari yateguwe mu ntango n'urwaruka ruzwi nka Gen Z Mada - rwari rufise agashavu kubera ubukene bw'amatara n'amazi bidahera.
Col Randrianirina yari arongoye ishami ridasanzwe ry'igisirikare ca Madagascar rizwi nka CAPSAT, igihe ku wa kabiri ingabo ziwe zifatanya n'ibihumbi n'ibihumbi vy'abari mu myiyerekano mu mabarabara y'umurwa mukuru.
Yabwiye aba Gen Z bari mu myiyerekano ko ariko arafata ubutegetsi, ko igisirikare kizoshinga leta, kikazotunganya amatora mu myaka ibiri.
Abaharanira demokarasi, bo mu gihugu no hanze, barizigiye ko azoshitsa ivyo yiyemeje.
Mu birori vyabereye muri sentare nkuru y'igihugu, itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko itarumbete zavugijwe inyuma y'aho Randrianirina arahiriye amabanga yiwe, yiyemeza "kwitanga n'inguvu zanje zose mu kurwanira no gukomeza ubumwe bw'igihugu n'uburenganzira bwa muntu".
Yambaye umutamana n'inyenyeri y'ubutegetsi, yashimangiye ko yiyemeje kuzana impinduka.
Yavuze ko azokorana n'abo bose bafise uruhara mu gutegura ibwirizwa shingiro ryiza, kandi ko azotanguza impinduka mu bijanye n'amatora imbere y'uko hatunganywa amatora mashasha.
"Twiyemeje gutangura inzira nshasha itandukanye n'ivyahise. Intumbero yacu nyamukuru ni uguhindura ubutegetsi bw'igihugu, imibano, ubutunzi n'ukuntu intwaro zitunganijwe mu buryo bwa poritike".
Inyuma y'ibirori, umukuru w'igihugu mushasha yagiranye ikiganiro n'abanyamakuru hanze ya sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, avuga mu buryo burambuye ivyo abona ko ari vyo agiyse gushira imbere.
Yavuze ko azobanza gutanguza itohoza ku bijanye n'ishirahamwe rya reta rijejwe amatara n'amazi, Jirama.
Yagize ati: "Uyu musi n'ejo, tuzosuzuma uko ibintu vyifashe muri Jirama - ibiriko birahabera n'ingorane zisanzwe zihari. Iri suzuma rigamije gukinga izindi ngorane muri kazoza. Ivyo ni vyo dushira imbere mu kibano."
"Ica kabiri ni uburimyi bw'umuceri. Uko twinjira mu kiringo c'uburimyi, dutegerezwa gusuzuma ingene twobikora neza".
"Ica gatatu ni ugutora umushikiranganji wa mbere no gushinga leta".
Co kimwe n'ibindi bihugu vyahoze bitwarwa gikoloni n'Ubufaransa muri Afrika vyabayemwo itembagazwa ry'ubutegetsi mu myaka iheze, vyaravuzwe ko imigenderanire n'Ubufaransa na yo nyene ishobora guhinduka ku ntwaro yiwe akunga ubucuti bukomeye n'Uburusiya.
Ku wa kane, Randrianirina yari mu nama n'abakozi bo mu buserukizi bw'Uburusiya, kugira ngo baganire ku gufashanya "gukomeye" hagati y'ibihugu bibiri.
Mu ntango y'imyiyerekano, abantu bari babonywe mu mabarabara bazunguza amabendera y'Uburusiya basaba ko Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) yofasha.













