Madagascar: Igisirikare gitangaza ko cafashe ubutegetsi inyuma y'imyiyerekano y'aba-GenZ

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ishami ry'igisirikare ca Madagascar CAPSAT ryafashije Andry Rajoelina gushika ku butegetsi ryamwihindutse, aho Koroneli Michael Randrianirina arirongoye ahejeje gutangaza ko ryafashe ubutegetsi.

Mu 2009, CAPSAT yarashigikiye Rajoelina igihe yafata ubutegetsi atembagaje uwari umukuru w'igihugu ico gihe, Marc Ravalomanana. Uno musi, ni we bibayeko inyuma y'imyiyerekano rukokoma yo kwiyamiriza intwaro yiwe yatanguye ku wa 25 Nyakanga (9) 2025.

Mu mpera z'indwi iheze, ingabo za CAPSAT (Corps des personnels et des services administratifs et techniques) zari zagararije ubutegetsi bwa Rajoelina mu kwifatanya n'ibihumbi vy'abari mu myiyerekano yo kumwiyamiriza.

Ni inyuma y'uko inama nshingamateka y'ico gihugu yari ihejeje gukora amatora yo kubogoza umukuru w'igihugu.

Muri ayo matora, n'abo mu mugambwe IRMAR wa Rajoelina bari bitavye ayo matora yo mu nama nshingamateka kandi hafi bose bakaba batoye bashigikira ko abogozwa.

Ahejeje gutangaza ko ishami CAPSAT ryafashe ubutegetsi, Koroneli Michael Randrianirina yabandanije amenyesha ibigiye gukirikira.

Avuga ko CAPSAT izoshinga komite izoba igizwe n'intwazangabo zo mu gisirikare, mu kijandarume no mu gipolisi.

Koroneli Randrianirina asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP avuga kandi ati: "Kumbure muri kazoza [iyi komite] izoba irimwo abajenama b'abasivire. Iyi komite ni yo izorangura amabanga y'umukuru w'igihugu.

"Aho nyene, inyuma y'imisi mike, tuzoshinga reta izoba igizwe n'abasivire".

Avuga kandi ko abari mu myiyerekano y'aba Gen Z Mada bazogira uruhara muri izi mpinduka kubera "ni urugamba rwatanguriye mw'ibarabara, rero dutegerezwa kwubahiriza ivyo basaba ".

Avuga ko we na bagenziwe ata kundi bari kugira uretse gusenyura intwaro yari ihari.

"Nta mukuru w'igihugu ahari, nta reta ihari... hano nta kintu na kimwe gikora".

Iyi ntwazangabo imenyesha kandi ko iri shami rihagaritse vy'agateganyo inzego zose zashinzwe hisunzwe ibwirizwashingiro kiretse iyi nama nshingamateka yakoze amatora yo kubogoza umukuru w'igihugu.

Muri izi nzego harimwo inama nkenguzamateka, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro hamwe n'umurwi ujejwe gutegura amatora, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Iki gisirikare gitangaza ko inyuma y'imyaka ibiri hazoba amatora.

Perezida Rajoelina ntaco arashikiriza kuri iri tangazo ry'igisirikare.

Gushika ubu, nta wuzi aho aherereye, ariko abatari bake bemeza ko yamaze guhunga igihugu.

Imbere y'uko inama nshingamateka igira aya matora yo kumubogoza, yari yagerageje kuyifuta, mw'itangazo yari yacishije ku rubuga rwa X, ariko bikaba vyabaye ivy'ubusa.