Wa mugabo aronderwa muri Amerika yaheruka gutoroka igipolisi ca Kenya yafashwe

Ahavuye isanamu, DCI Kenya
Wa mugabo Kevin Kinyanjui Kangethe yatoroka agasho k’igipolisi muri Kenya yafashwe, nk’uko bivugwa n’igipolisi ca Kenya.
Inkuru abanyagihugu bahaye igipolisi ni yo yabashikanye aho Kangethe, w'imyaka 41, yari yinyegeje mu gisagara ca Ngong kiri ku birometero 23 uvuye ku mugwa mukuru Nairobi.
Nta co arashikiriza ku vyo yagirizwa.
Igipolisi catanguye guhiga buhongo Kangethe, Umunyamerika akomoka muri Kenya, inyuma y’uko aciye mu ryahumye abapolisi agahunga, hari ku wa gatanu w’indwi iheze.
Umugabo yavuga ko ari umushingwamanza wiwe yasavye igipolisi ko yovugana nawe, imbere y’uko yurira imodoka yunguruza abantu agahunga.
Umukuru w’igipolisi ca Nairobi yavuze ko uku gusamara kw’abapolisi guteye isoni. Abapolisi bane bari ku kazi igihe atoroka hamwe n’uno mushingwamanza baciye bahagarikwa.
Ejo ku wa kabiri, abandi bantu babiri, harimwo mwenewabo wa Kangethe, na bo nyene barahagaritswe.
Abategetsi ba Amerika bavuga ko Kevin yagandaguye umukobwa bakundana, Margaret Mbitu – akomoka muri Kenya akaba afise n'ubwenegihugu bwa Amerika – muri Gitugutu (10) umwaka uheze wa 2023, agaca asiga ikiziga ciwe mu modoka ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Boston.
Mbitu yari afise imyaka 30, akaba yakora ubuforoma mu gisagara ca Halifax, mu ntara ya Massachusetts.
Mu nyuma, abo bategetsi bavuga ko Kangethe yaciye yurira indege yamushikanye muri Kenya, igihugu ciwe c’amavuko.
Haciye amezi atari make, igipolisi ca Kenya caramuhagaritse kimufatiye mu nzu y’imyidagaduro i Nairobi mw’ijoro ryo ku wa 30 Nzero (1) uno mwaka.
Ku wa gatanu niho vyari vyitezwe ko sentare ifata icemezo c’uko Kangethe yoburanywa muri Kenya canke akarungikwa muri Amerika kuburanywa ku caha c’ubwicanyi bwo ku rugero rwa mbere, inyuma y’aho amenyeshereje ko yari yiyambuye ubwenegihugu bwa Amerika mu mwaka uheze.
Abashingwamanza biwe bari basavye ko umushikirizamanza yerekana icemezo ko yari yatorotse, bakavuga ko ubuzima bwiwe bwari mu kaga.
Ubu Kangethe ari mu gasho aho arindiririye ibindi birego bijanye n’itoroka ryiwe.










