Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imigwi ya Premier League yatoye kugumizaho VAR
- Umwanditsi, Simon Stone
- Igikorwa, Akurikirana amakuru y'umupira w'amaguru
- Yatangajwe
Imigwi yo muri Premier League yatoye ku majwi 19-1 kugumizaho uburyo bwo guhinyuza ikiba kibaye mu rukino hakoreshejwe kuraba uko vyagenze kuri video (video assistant referees) mu mwaka w'inkino wimirije.
Umugwi wa Wolves ni wo warondeye ko haba amatora kw'ikoreshwa rya VAR mu mwaka w'inkino wimirije wa 2024-2025 inyuma yo kubisaba icese Premier League mu kwezi kwa Rusama(5).
Kugira ngo VAR ifutwe, imigwi 14 kuri 20 ikina muri Premier League ni yo yari ikenewe gutora ibishigikira.
Ariko Wolves wonyene ni wo watoye ubishigikira mu gihe utaronse n'umwe uwushigikira mu yindi migwi yo mu cicaro ca mbere.
Wolves bavuze ko bababajwe n'ivyavuye mu matora ''ariko bashima kuba Premier League yiyemeje guteza imbere VAR''.
Premier League yari iremerewe n'abayisaba gusubiremwo VAR, yazanywe mu ntango z'umwaka w'inkino za 2019-2020.
Wolves bari bakoze urutonde rw'imvo cumi zo kubuza ikoreshwa rya VAR, harimwo ingaruka mu kwigina igitsindo, kubona nabi abahagarikizi hamwe n'umwanya bifata kugira hafatwe ingingo.
Muri iyo nama vyongeye kwemezwa ko uburyo bwo kwerekana uwaraririye hakoreshejwe ubuhinga bwa none bizotangura gukoreshwa ku mutasuro, mu gihe Premier Leagye yemeje kandi ko ingingo zifashwe hifashishijwe VAR zizohora zitangazwa icese.
Ugutangaza izo ngingo, vyakoreshejwe mu nkino z'igikombe c'isi c'abagore co mu 2023, kuzotuma abahagarikizi basigurira abarorerezi mu kibuga ingingo zifashwe hifashishijwe VAR.
Vyongeye, Premier Leagye yavuze ko ''umurongo uri hejuru'' w'aho abahagarikizi ba VAR bagarukira ku ngingo zafashwe n'abahagarikizi bari mu kibuga uzogumaho.
Malcolm Clarke, umukuru w'ishirahamwe ry'abashigikiye umupira w'amaguru, yavuze ko hakenewe ''impinduka zikomeye cane'' mu buryo ibintu bikora ubu kuko abafana ''badashobora kubandanya gutya.''
Premier League ifise igikorwa kinini
Nta gitangaje kubona integuro ya Wolves yo kudakoresha VAR yanswe.
Kubera Premier League yari yaramaze kwiyemeza kuyiriha, ikoreshwa canke idakoreshwa, amahirwe y'uko imigwi ija inyuma ya Wolves yasa n'uko atari ahari.
Ariko, intumbero ya kabiri ya Wolves yari uko ico kibazo coganirwako cane kandi iyo bayishitseko.
Nta n'umwe, yaba imigwi, abahagarikizi b'inkino canke Premier League, anezerewe n'ibiba muri iki gihe.
Premier League ishaka ko ibintu bibera ku mugaragaro gusumba, ivyo umukuru w'abahagirikizi Howard Webb yemera ko bizotuma gutahura neza gusumba ingene ingingo zifatwa.
Imigwi -n'abakinyi - bakeneye ingingo nziza kandi zinyaruka gufatwa.
Kwerekana uwaraririye hakoreshejwe ubuhinga bwa none kuva ku mutasuro bizofasha kubishikako.
Abategetsi b'urwego rwa Premier League bavuga ko ubwo buhinga, bwageragejwe bukihwezwa muri uyu mwaka urangiye, butazovanaho gutakaza umwanya- ariko buzotanga ingingo zinyaruka, na cane cane ku bijanye no kurenga umurongo, ubu umenga bifata umwanya muremure cane.
Ku mwanya ukoreshwa ubu, nk'uko bivugwa, hazovako amasekunda 31.
Ariko haracari igikorwa. Premier Leagyue itegerezwa kwirinda gusanga iri hahandi nyene, ahandi ho amatora yabaye uyu munsi nta wokwemeza ko atazosubira.