'Mpox': DRCongo yatoye agahengwe?

'Mpox': DRCongo yatoye agahengwe?
Yatangajwe

“Mu kwezi kwa munani (2024), twaronka abagwayi nka 15 k’umunsi, ariko ubu ni nka batatu”.

Muganga Murhula w’i Lwiro mu ntara ya Kivu, abivuga mu gihe nk’akana Benissa k’imyaka itatu kuzuye inguma gushika k’ururimi.

OMS ivuga ko naho abagwayi bagenda baragabanuka, akamaro k’inkingo kazoboneka haciye igihe, ko uwubonetseko ibimenyetso yokwihutira kwa muganga.