Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umusi wahariwe umugabo: Mu Burundi hari abagabo 'bahanzwe' -Nduwimana
Itariki 19 z'ukwezi kwa 11 ni umusi mpuzamakungu wahariwe abagabo kw'isi. Uwo musi watangujwe mu 1992, ariko ntiwashotse wemerwa hose. Mu 1999 niho watanguye guhimbazwa cane bihereye ku witwa Jerome Teelucksingh mu mazinga ya Trinidad & Tobago. Mu ntumbero nyamkuru ihimbazwa ry'uyu musi rifise harimwo guha agaciro uruhara rw'abagabo mu kibano, ariko kandi no gushira ahabona ndetse no gutorera umuti ibibazo nabo bashobora guhura navyo mu kibano. Muri ivyo harimwo ibibazo vyo mu ngo nk'uko umukuru w'ishirahamwe 'Homme en detresse' rifasha muri ben'ivyo bibazo mu Burundi Boniface Nduwimana yavyiganiye BBC. Kurikira hano.