Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano: Igice ca kabiri ku vyiyumviro vy'abatwandikiye ku gitabo ca Rugigana kw'igandagurwa rya Ndadaye
Mu kiganiro imvo n'imvano co kuri uno wa gatandatu igenekerezo ry7 Kigarama (12) 2024, turabandanya n'igice ca kabiri c'ikiganiro c'ivyiyumviro, ibibazo eka mbere n'intererano ku kiganiro c'itariki 23 ukwezi kwa Munyonyo (11) 2024, cagaruka ku gitabo ca Jenerali de Brigade Joseph Rugigana ciswe "Ma Vérité sur l'Assassinat de Ndadaye", canke "Ukuri Kwanje kw'Igandagurwa rya Melchior Ndadaye" mu kirundi.
Ni igitabo cavuzweko vyinshi na cane cane ku mbuga hwaniro.
Tubibutse ko twari kumwe muri studio za BBC i Bruxelles mu Bubirigi na Jenerali de Brigade Joseph Rugigana n'uwamufashije gusohora kino gitabo Antoine Kaburahe kugira bishure ku bibazo, amakenga canke amwe mu mahinyu abipfuje kugira ico bashikirije mu kiganiro imvo n'imvano co ku wa 23 Munyonyo bagarutseko.
Iki kiganiro muza kugishikirizwa na Alain Majesté Barenga muri Studio za BBC i Buruseri, hamwe na Félin Gakwaya ahaharariye kino kiganiro ari i Londres.