Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibitekerezo: Imvo n'Imvano ku bwiyongere bukabije bw'abaturage mu Rwanda no mu Burundi
Mwaramukanye amahoro mwese muteze amatwi Imvo n'Imvano yo kuri uyu wa gatandatu tariki 19 y'ukwa 8 mu 2023.
Uyu munsi turaha ijambo abatwandikiye bashaka gutanga ibitekerezo ku kiganiro twabagejejeho ku itariki 5 z'uku kwezi, ikiganiro cyavugaga ku muvuduko w'abantu uri kuzamuka ku isi no mu karere k'ibiyaga bigari.
Leta z'u Rwanda n'u Burundi zafashe ingamba zo kugabanya uwo muvuduko ariko ngo inzira iracyari ndende.
Mu kiganiro cyacu twari kumwe na Docteur Nzabonimpa Anicet, inzobere mu buzima bw'imyororokere mu karere k'ibiyaga bigari, akaba yari mu Rwanda. Twari kumwe kandi na Valentin Nahimana, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagari mu gihugu mu Burundi.
Iki kiganiro rero kimaze guhita, abakunzi b'Imvo n'Imvano bacyanditseho byinshi, bituma tubaha ijambo.
Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Félin Gakwaya.