'Abadashaka ko iyindi migambwe ikorera aho baherereye amategeko y'igihugu azobagwanya' - Prezida Ndayishimiye

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru mu Burundi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Abazitoza mu bibanza vy'abashingamateka, nkenguzamateka n'abajenama b'amakomine bava mu migambwe itandukanye hamwe n'abigenga, bagize idefire yo gutanguza icese imyiyamamazo.

Ibirori vyabereye ku mugwa mukuru w'intara ya Gitega.

Ikitari kimenyerewe ni uko aba kandida bo mu migambwe itandukanye n'abigenga bagize idefire imbere y'umukuru w'igihugu bambaye imyambaro iranga imigambwe yabo bafise mu maboko n'amadarapo y'iyo migambwe.

Imigambwe 20 ni yo yitavye ibi birori hamwe n'abigenga batatu, mu gihe ururani Burundi bwa Bose n'umugambwe CDP itigeze igaragara.

Avugana na BBC Gahuzamiryango, Patrick Nkurunziza arongoye umugambwe Sahwanya-Frodebu n'urunani Uburundi bwa bose, yamenyesheje ko "ntituzokwitaba ivyo birori kuko kwoba ari ugufasha imyiyamamazo umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD."

Yongeyeko ati:"Mu nteguro y'aya matora twararenganijwe, intonde zacu CENI yanka kuzemeza, ivyo vyose bituma tudashobora kwitaba ivyo birori.

"Ikindi kandi, nta mahera dufise yo kurihira abanywanyi bacu ngo bitabe ico gikorwa, mu gihe muzi n'ingene igitoro gisigaye kizimvye."

Abaserukira imigambwe hamwe n'abigenga bari batonze ku ntara bagaheza bagakurikirana hisunzwe urutonde rw'ingene bakurikirana kw'ikarata y'itora.

Kw'idefire hatanguye abaserukira umugwi CENI ku rwego rw'igihugu, hakurikira abo ku nzego z'intara na komine haca hakurikira imigambwe.

'Abantu bategerezwa kumenyera kubisanya ku butegetsi'

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndaishimiye yasavye ko hoba ibirori nk'ibi kuva mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze.

Muri ivyo birori yavuze ko abategetsi bategerezwa kumenyera gukora ivyo ababatoye babatumye. Batabikoze na ho bakamenya ko mu matora akurikira batazobatora.

Prezida Ndayishimiye kandi yavuze ati " harageze ko abantu bamenyera kubisanya ku butegetsi."

Yongeyeko ko " hariho abadashaka ko iyindi migambwe ikorera aho baherereye. Nagira ndabamenyeshe y'uko iryo atari itegeko ry'igihugu kandi abo babigwanya amategeko y'igihugu ategerezwa kubagwanya."

Bitegekanijwe ko imyiyamamazo nyezina itangura mu ndwi iza ku musi wa kabiri itariki 13 Rusama (5) 2025, imare ikiringo c'indwi zitatu.

Amatora azoba itariki 5 z'ukwezi kwa Ruheshi(6) 2025.