Inama ya G7: Afrika irondera ikibanza gishasha mu gihe ibihugu rutura bihanze amaso umutungo kama wayo

Yatangajwe

Afrika ntizokwemera ko "kubandanya ari isoko ry’ibicuruzwa vy'amaganda [matières premières/raw materials]” ku bindi bihugu vyo kw’isi yose, nk’uko umukuru w’igisata kijejwe ubudandaji mu muryango w’Ubumwe bwa Afrika yabibwiye BBC.

Albert Muchanga avuga ko ahubwo uno mugabane ukeneye kazoza kubakiye ku “migenderanire nyayo kandi izanira inyungu impande zompi” hagati yawo n’incuti zawo.

Ibi bibaye mu gihe umukuru w’Ubumwe bwa Afrika yatumiwe mw’ikoraniro ry’ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw’isi, ikizwi nka G7, ririko ribera mu Buyapani, mu gihe hibonekeza ko bihanganye n’Ubuyapani mu kurwanira umutungo kama wa Afrika.

Mu gihe ibihugu rutura vy’uburengero biriko birondera ubucuti mu vyo ubudandaji n’uyu mugabane, imbere y’uko iyi nama iba habanje kuba urukurikirane rw’ingendo mu bihugu bitari bike vya Afrika zakozwe n’abarongoye Ubufaransa n’Ubudagi, hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Fumio Kishida yaragendeye Misiri, Ghana, Kenya na Mozambique mu ntango za kuno kwezi mu gihe yariko arondera ko Afrika yomushigikira mu rugamba rwo kuzibira Ubushinwa n’Uburusiya ko bwiganzira uno mugabane, hamwe kandi no ku vyerekeye Taiwan na Ukraine.

Mw’ijambo yashikirije i Maputo ku wa 04 Rusama (5), yavuze ati: "Ibihugu vyinshi vy’ikizwi nk’akarere k’Ubumanuko birababajwe n’ibiciro vy’imfungurwa n’umuyagankuba. Icabiteye gikwiye kurondererwa mu gitero c’Uburusiya kuri Ukraine”.

Muchanga arashima ko ingorane za Afrika zamenyekanye. Avuga ko n’ikiza ca Covid na co nyene cateye ingorane zitari nke.

"Ni ukwemera ko Uburaruko n’Ubumanuko bigomba gufashanya mu buryo bwimbitse, ibi ni vyiza”.

Uyu mutegetsi w’umunya-Zambia avuga ko mu gihe ubukoloni ubu ari ikintu co muri kahise, Afrika ishaka ko ironka inyungu nyinshi muri ino migenderanire mu kwiyubaka mu bijanye n’ubumenyi kugira ngo umutungo wayo kama ushobore kuyigirira agaciro nyako.

"Ntidushobora kubandanya turi isoko ry’ibintu vy'amaganda gusa nk'uko vyamye kuva kera. Ibi ntibishobora kubandanya uku kubera ukwiyongera kw’abantu, aba nabo bakaba bakeneye amahirwe yo kuronka ubuzi bwiza, ubu nabwo nta handi bwova atari mu myuga no mu mahinguriro y’uburimyi”.

"Akarorero keza katanzwe na Repubulika ya Demokarasi ya Congo na Zambia, igihe bizosohorera umugambi rusangi wo guhingura amabateri y’amamodokari akoresha umuyagankuba”.

Ibi bihugu bibiri ni vyo nyamukuru bigurisha ubutare bwa cuivre na cobalt bukenewe mu guhingura aya mabateri, ubu bukaba buriko buraronderwa cane kw’isi yose.

Muchanga avuga ko ubutumire bwahawe Ubumwe bwa Afrika muri iyi nama ya G7 ari “icerekana ko uruhara rwa Afrika mu bukungu bw’isi ruhabwa agaciro”.

"Afrika itegereza kugira ijambo rikomeye iri hamwe ku bibazo vy’ubutunzi vyose kw’isi yose”.

Amerika n’Ubushinwa birahanganye

Amerika iriko iragerageza gutsimbataza ubucuti na Afrika mu gihe irondera guhangana n’ihindagurika ry’ikirere. Mu rugendo rwiwe muri Tanzaniya mu kwa gatatu, icegera c’umukuru w’igihugu wa Amerika Kamala Harris yashize ahabona umugambi uzoshigikirwa na Amerika, aho yavuze ko ari “ikigo ca mbere nk’iki ku mugabane co guhingura ubutare bukoreshwa mu mabateri y’imiduga y’umuyagankuba”.

Ati: "Ikintu nyamukuru, ni uko amabuye y’agaciro mu misi azohingurirwa muri Tanzania, n’abatanzania bo nyene. Ibi bizofasha gutorera umuti ikibazo c’ihindagurika ry’ikirere, kwubaka amasoko nyayo kw’isi, no gushinga amahinguriro mashasha hamwe no gutanga akazi”.

Mu mwaka uheze, ubucuruzi hagati y’Ubushinwa na Afrika bwageze ku giciro kitari bwigere kibaho c’imiriyaridi 282 z’amadorari y’abanyamerika, nk’uko biri mu vyegeranyo vy’ibigo vy’Ubushinwa bijejwe amakori.

Ibi vyerekanye ko bwiyongereye gushika ku rugero rwa 11% ugereranije n’umwaka umwe imbere y’aha, mu gihe ibiciro vy’ibidandazwa nk’igitoro, ubutare bwa cuivre, cobalt, n’icuma vyaduze cane.

Bisigura kandi ko ubucuruzi hagati ya Afrika n'Ubushinwa bwikuvye hafi incuro zine ku bucuruzi hagati ya Afrika na Amerika, kuko bwageze ku miriyaridi 72.6 z’amadrari y’abanyamerika.