Gelase Ndabirabe yongeye gutorwa kurongora inama nshingamateka y'Uburundi iyindi myaka itanu

Umukuru w'inama nshingamateka y'Uburundi Gelase Ndabirabe

Ahavuye isanamu, INAMA NSHINGAMATEKA

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Umuhutu Gélase Daniel Ndabirabire ni we yatowe kurongora inama nshingamateka nshasha mu kindi kiringo c'imyaka itanu.

Iyi nama nshingamateka nshasha yatowe mu matora yabaye itariki 5 z'ukwezi kwa Ruhenshi (6) 2025 aho umugambwe CNDD FDD watahukanye intebe 100%.

Ndabirabe yatowe ku rutonde rw'intara ya Butanyerera irimwo ibice binini vy'izahora ari Ngozi, Kayanza na Kirundo. Ni we yahora arongoye inama nshingamateka yahahora kuva mu 2020.

Nta wundi bahiganywe muri ico kibanza. Yatowe ku majwi 109 ku bashingamateka 111 batoye.

Icegera ca mbere Fabrice Nkurunziza, umututsi yamuka mu ntara ya Burunga.

Ahavuye isanamu, INAMA NSHINGAMATEKA

Insiguro y'isanamu, Icegera ca mbere c'umukuru w'inama nshingaateka Fabrice Nkurunziza, umututsi yamuka mu ntara ya Burunga.

Icegera ca mbere ni Fabrice Nkurunziza, umututsi yamuka mu ntara ya Burunga. Yatowe kuri 99,1% ni ukuvuga abashingamateka 100 kuri 111 batoye.

Na we nyene nta wundi bahiganywe.

Fabrice Nkurunziza yahora ari icegera ca kabiri mu nama nkenguzamateka nayo yarangije ikiringo.

Umupfasoni Nkezimana Boussessia wo mu bwoko bw'abahutu ni we cegera ca kabiri c'umukuru w'inama nshingamateka, yamuka mu ntara ya Buhumuza.

Ahavuye isanamu, INAMA NSHINGAMATEKA

Insiguro y'isanamu, Umupfasoni Nkezimana Boussessia wo mu bwoko bw'abahutu ni we cegera ca kabiri c'umukuru w'inama nshingamateka, yamuka mu ntara ya Buhumuza.

Mu kibanza c'icegera ca kabiri hatowe umupfasoni Nkezimana Boussessia wo mu bwoko bw'abahutu yamuka mu ntara ya Buhumuza.

Itegeko rivuga ko ibiro vy'inama nshingamateka bitegerezwa kwubahiriza ibitigiri vy'amoko n'ibitsina.

Gelase Daniel Ndabirabe ni nde?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Gelase Ndabirabe yahoze ari umugwanyi mu muhari wa CNDD-FDD, akaba yarawubereye n'umuvugizi.

Inyuma y'amatora ya 2005 uwo muhari witavye umaze kuba umugambwe inyuma y'amasezerano yo guhagarika intambara mu 2003, Ndabirabe yakoze mu rwego rwo kwaka ibigwanisho no gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abagwanyi, CNDRR.

Uwo mugabo w'imyaka 68 - hari abamutazira 'Ndasubiramwo' kubera iyo asomye itangazo nk'umuvugizi wa CNDD FDD yakunda kuvuga ngo ''Ndasubiramwo.''

Menshi muri ayo matangazo yaba ari ayo kwiyamiriza Urwanda ubutegetsi bw'Uburundi bwagiriza ko ari rwo rwari inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi ryaburijwemwo mu 2015.

Ico gihe Gelase Ndabirabe yari umunyamabanga mukuru w'umugambwe n'umuvugizi wa CNDD-FDD.

Kuva mu 2015 gushika mu 2020 Gelase yari umushingamateka yatowe mu ntara ya Kayanza.

Kuva mu 2020, uretse ko ari we yaramutswa inama nshingamateka, ari no mu rwego rw'inararibonye rw'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, rurongowe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, ari na rwo mu vy'ukuri rurongoye uwo mugambwe.

Urwo rwego rugizwe n'abantu batanu: Prezida Evariste Ndayishimiye, Reverien Ndikuriyo umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD, Cyriaque Nshimirimana icegera c'umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Gélase Daniel Ndabirabe arongoye inama nshingamateka na Zénon Ndaruvukanye yahora arongoye umugwi w'abashingamateka ba CNDD-FDD mu nama nshingamateka.

Abatavuga rumwe na reta bagiriza Gelase Ndabirabe ko imvugo yiwe yama misi yose ari iyo gushigikira reta kandi mu vy'ukuri, nk'umushingamateka akazi kiwe kari ako kugenzura ivyo ikora.

Hari n'aho yagiye aragaragara akarira abashingamateka babajije ikibazo imbere n'uko umushikiranganji kanaka yatumiwe yishura.

Ndabirabe yari yitezwe?

Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko Gelase Ndabirabe yashobora gukorerwa mu ngata n'uwundi mugumyabanga.

Mu mpera za Kigarama (12) umwaka 2024, umujenerari nsomambike w'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, Leonidas Ndaruzaniye, yaratanze imihoho, ava mu gipolisi no mu mabanga y'umuhanuzi wa prezida ajejwe ibibazo vy'igipolisi ku buryo butari bwitezwe.

Yaciye agenwa kurongora intara ya Ngozi.

Intonde z'abashingamateka zimaze gusohoka, Leonidas Ndaruzaniye yari ku rutonde rumwe na Gelase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka.

Haciye haduka urundi rukurukuru ko noneho ari we agiye kuramutswa inama nshingamateka.

Gushika ku munona wa nyuma, hari abari barindiriye ko ari we aja muri co kibanza.

Inkuru ziva imbere mu mugambwe CNDD-FDD, BBC Gahuzamiryango itarashobora guhinyuza neza, zivuga ko habaye ukunyinyurana mu barongoye umugambwe kugira batinde bemerere Gelase Ndabirabe kubandanya atwara urwo rwego.