Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bulamatari wa Kivu ya Ruguru yaguye mu ntambara na M23
Bulamatari wa gisirikare w'intara ya Kivu ya Ruguru mu buseruko bwa Congo, yitavye Imana azize ibikomere yakuye mu ntambara n'abarwanyi b'umugwi M23, nk'uko vyemezwa n'inzandiko z'ishirahamwe mpuzamakungu ONU n'ibigo vy'itangazamakuru bitandukanye nka Reuters na AFP.
Jenerali Peter Chirimwami bivugwa ko yarashwe ejo ku munsi wa kane muri Sake, mu burengero bw'umuji wa Goma, aho ingabo za leta n'abazifasha bahanganye n'uwo mugwi.
Abarwanyi ba M23 bakomeza gusatira umuji wa Goma, aho bavuga ko bashaka gufata uwo muji.
Kubera izi ntambara zakomeye, perezida wa R D Congo Felix Tshisekedi yaciriye hagati urugendo yarimwo rwamujanye mu nama y'ihuriro ry'abategetsi n'ibigo vy'ubutunzi bikomeye kw'isi - World Economic Forum - ibera Davos mu Buswise, akaba yaraye asubiye mu gihugu kugirisha inama yihuta y'umutekano n'abategetsi bo hejuru b'igihugu ciwe.
Umunyamabanga mukuru wa ONU ''asaba abafise uruhara bose mu ntara yo mu buseruko bwa Congo kwubaha ubwigenge n'ubutavogerwa bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo no guhagarika inzira zose zo gushigikira imigwi yitwaje ibigwanisho'.