Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nk'impuzi kandi agendana ubumuga, Taekwondo yamubereye ubuzima
Parfait Hakizimana, ni umukinyi wa Taekwondo w’Umurundi yabigize umwuga, amaze no guseruka mu mahiganwa mpuzamakungu.
Aho asanzwe acumbikiwe mw’ikambi ya Mahama mu Rwanda, Parfait Hakizimana, yeretse umunyamakuru wa BBC Yves Bucyana imidari n’ibikombe amaze gutahukana mu mahiganwa atandukanye y’urukino rwa Taekwondo.
Mu nkino amaze kujamwo harimwo amahiganwa ya Olympike yo mu 2022 mu Buyapani, aho yashoboye kugera muri 1/8.
Uyu mukino yagize umwuga, ubu awigisha abarenga 120 bari kumwe mu buhungiro.
Avuga ko n’ubwo adafise ingingo zose, uyu mukino yawize kandi akawukunda bimworoheye.
Kuri uyu mugabo w’imyaka 33 agendana ubumuga bw’ukuboko, abona ko ngo bisaba gukoresha amaguru cane, no mu bwenge, hamwe no kubanguka.
Bamwe mu bo yigisha, baremeza ko uwo mukino wa Taekwondo hari ico umaze kubungura, mu mibereho yabo yo mw’ikambi.
Jules Niyongere, umwe mu biga umukino wa Taekwondo, amaze imyaka 5 muri uyu mukino, agira ati :“Taekwondo yankuye mu bwigunge.”
Ngo nk’impunzi, iyo bari mw’ikambi baba bifuza ikintu kibafasha kwikuramwo ivyiyumviro vy’ubuzima butoroshe barimwo, kandi urwo rukino rwamubereye inyishu.
Mugenzi we Guy Guerlin Rukundo, nawe yemeza ko umukino wa Taekwondo wamuhinduye.
Ati :“Narahindutse kuko kera narakunda kurwana mw’ibarabara, naratukana…ariko muri Taekwondo barabinkuyemwo, izo ngeso mbi zisubirirwa na ‘discipline’ … muri Taekwondo batwigisha kwitaho intumbero yacu, ibi vyatumye no mw’ishure ntera imbere.”
Birenze kugira ubuzima bwiza no kwubaka umubiri
Uyu mukinyi wa Taekwondo asanzwe agendana ubumuga bw’ukuboko, avuga ko uwo mukino utamuhinduriye imibereho n’amagara yo ku mubiri gusa, ahubwo yanawungutsemwo vyinshi.
Parfait Hakizimana, ubu ngo yaronse umuryango wagutse biciye muri Taekwondo, aronka abagenzi benshi barimwo n’abo mu bihugu vya Bulaya.
Uretse kwunguka incuti nyinshi, Parfait Hakizimana aravuga ko gukina Taekwondo vyamuhaye amahirwe yo gutembera henshi mu makungu, no kubona amafranga mu marushwanywa yagiyemwo.
Muri make agira ati ‘Taekwondo kuri jewe ni ubuzima’.
Iruhande yo guha imyimenyerezo abagera ku 130 yigisha Taekwondo mw’ikambi ya Mahama, Parfait Hakizimana nawe akomeza kwimenyereza yitegurira amahiganwa ya Paralympike yimirije i Paris mu Bufaransa mu mwaka uza wa 2024