Irani na Israel vyaraye biraterana ibisasu, aba Houthi ba Yemen nabo binjiyemwo

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ibintu bibandanya kuba nabi hagati ya Israel na Irani, mu gihe ibi bihugu vyaraye birarasana mw'ijoro ryakeye.

Irani yarashe ibisasu vya misire hagati no mu buraruko bwa Israel, mu gihe igisirikare ca Israel cemeza ko cakoze ibitero bitari bike ku bigo vya nikleyeri vya Irani.

Abantu nibura cumi ni bo bamaze kumenyekana ko bapfuye muri ibi bitero vya Irani kuri Israel, abarenga 100 nabo bakaba bakomeretse.

Igipolisi kivuga ko batandatu bapfiriye mu gisagara ca Bat Yam, mu bumanuko bwa Tel Aviv, harimwo abana babiri. Abantu indwi baburiwe irengero mu gihe abajejwe ubutabazi babandanya basaka mu bihomoka vy'amazu yabomowe.

Abandi bantu bane bapfiriye mu bitero vyo mu gisagara ca Tamra gituwemwo n'Abarabu mu buraruko bwa Israel, nk'uko abajejwe ubutabazi babivuga, co kimwe n'ivuriro ry'ako karere.

Mu butumwa bwiwe k urubuga rwa X mu gatondo ko kuri uno wa Mungu Perezida Isaac Herzog wa Israel yanditse ati: "Igitondo kibi kandi kigoye".

Ibi "bitero vy'ubugizi bwa nabi vya Irani" vyishe vyongera bikomeretsa "Abayahudi n'Abarabu, abanyagihugu ba Israel n'abimukira bashasha, harimwo abana n'abashaje, abagabo n'abagore", niko Herzog yanditse.

Ni mu gihe kandi inyeshamba z'aba Houthi bo mu gihugu ca Yemen bavuga ko bakoze "ibitero vya gisirikare ku bibanza bikomeye vy'umwansi Israel" mu gushigikira Irani.

Aba Houthi, umuhari ushigikiwe na Irani, bamaze gukora ibitero bitari bike kuri Israel kuva intambara yo muri Gaza itanguye muri Gitugutu (10) 2013. Hagati aho, Israel nayo iratera uturere tugenzurwa n'aba Houthi muri Yemen.

Umuvugizi w'aba Houthi yavuze uno musi ku wa Mungu ko ibi bitero ku musi w'ejo kuri Israel vyateguwe bifashijwemwo na Irani.

Umukuru w'igihugu ca Irani Masoud Pezeshkian agabisha ko igihugu ciwe "kizohasha bikomeye" Israel ari nka hamwe itokwisubirako.

Ku ruhande rwa Irani, mu bibanza vyayo vyatewe na Israel harimwo ibiro bikuru vy'igisirikare vya Tehran no ku bigo Israel ivuga ko bifitaniye isano n'umugambi wa nikleyeri w'ico gihugu, harimwo nububiko bw'igitoro, mu casa n'igitero ca mbere ku bibanza vy'amasoko ntanganguvu vya Irani.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe igitoro yavuze ko ububiko bw'igitoro bwa Shahran ku mugwa mukuru Tehran bwarashwe muri ibi bitero vyakozwe na Israel.

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi Israel Katz avuga ko Tehran "izotokombera" ari nka hamwe Irani yobandanya irasa ibisasu vya misire kuri Israel, mu gihe umushikiranganji wa Irani ajejwe umutekano na we Seyed Abbas Aragchi avuga ko ata gitero Israel yari gukora idashigikiwe na Amerika.

Umushikiranganji Araghchi yanditse ku rubuga rwa Telegram ati: "Twaronse ubutumwa buva ku mbuga zitandukanye ko Amerika ata ruhara ifise muri iki gitero, ariko ibi ntituvyemera kuko dufise amakuru nyayo abivuguruza".

Ibi bisigura ko Irani ishobora gukora ibitero ku bibanza vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere.

Perezida Trump avuga ko, ari nka hamwe Irani yohirahira ikabikora, yobona amahano atagira izina, ariko kandi akavuga ko izi mpanze zibiri zishobora gushika ku masezerano "vyoroshe".

Haciye imisi itatu gusa havugwa ivy'uko hashobora kuba amasezerano hagati ya Amerika na Irani ku mugambi wayo wa nikleyeri. Ubu, mu gihe vya muzinga n'inzamba zo kugabisha ari vyo bisamirana mu birere vya Israel na Irani, ivy'aya masezerano bisa n'ivyaguye mu mazi.

Igisirikare ca Israel (IDF) casohoye ubutumwa bwihuta bwo kugabisha abanya-Irani, isaba ababa mu micungararo y'ibigo vya gisirikare kuhava.

Mu butumwa bwacishijwe ku rubuga rwa X, IDF yagize iti: "Abantu bose baba mu bibanza canke mu micungaro y'ibibanza bihingura ibirwanisho hamwe n'ibigo bifitaniye isano na vyo bakwiye kuva muri utu turere ubu nyene kandi ntibaze bagaruke gushika bahawe uruhusha.

"Kuba hafi y'ibi bibanza ni ugushika ubuzima bwanyu mu kaga".