Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inyuma y'imyaka 20 hishwe Abanyamulenge mu Gatumba ababuze baracasaba ubutungane
Abanye-Congo b’Abanyamulenge baburiye ababo mu Gatumba haraheze imyaka 20 n’ubu baracasaba ko abakoze ubwo bwicanyi bamenyekana bakabibazwa imbere y’ubucamanza.
Ku munsi w’itariki 13 ukwezi ka Myandagaro (8) mu 2004, mu Gatumba mu burengero bw’igisagara ca Bujumbura mu Burundi, bwakeye haraye hishwe abanye-Kongo b’Abanyamulenge barenga 160 mw’ikambi y’impunzi y’imfatakibanza barimwo.
Ico gihe hari umuvugizi w’umuharu umwe mu yagwana mu Burundi ico gihe -Palepehutu FNL - yiyemereye ko ari wo wagavye ico gitero n’ubwo uwari awurongoye -Agathon Rwasa - ahakana uruhara urwo ari rwo rwose ku giti ciwe.
Kuva ico gihe nta muntu arafatwa canke ngo ashikanwe imbere y’ubucamanza yagirizwa ubwo bwicanyi.
Muri iki gihe co kwibuka imyaka 20 iheze ubwo bwicanyi bubaye, imiryango y’ababuze yongeye gutanga ikirego mu nzego z’ubucamanza zitandukanye kugira ababukoze bamenyekane banabibazwe.
Bene ivyo birego vyaru bimaze gutangwa ariko nta kirakorwa.
Uwashikirije ico kirego kw’izina ry’abo Banyamulenge baburiye mu Gatumba ni umunyamategeko Innocent Nteziryayo. Yavuganye na Robert Patrick Misigaro wa BBC Gahuzamiryango abanza kumubaza aho batanze ikirego aho ari ho.
GUKOSORA: Agathon Rwasa yatumweko n'ubushikirizamanza bw'Uburundi mu 2014, si mu 2004.