Ukutumvikana mu burongozi bwa CNL mu Burundi kurabandanya

Ukutumvikana mu burongozi bwa CNL mu Burundi kurabandanya
Yatangajwe

Bamwe mu ndongozi z'umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi ntibabona kumwe n’umukuru wabo Agathon Rwasa ibijanye no kwitura ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati.

Bavuga ko ibiherutse gutangazwa na Bwana Rwasa ku buryo bituye ubwo bushikiranganji ku bibazo biri hagati mu mugambwe, harimwo ivyo batemeranya nawe.

Umwe muri bo ni umushingamateka Terence Manirambona yari asanzwe ari mu rwego-nyobozi rw'umugambwe CNL.

Yavuganye na Florentine Kwizera, amusigurira ivyo yemeza ko umukuru w'umugambwe Agathon Rwasa yavuze bitari vyo (umva ico kiganiro aho hejuru).