Mu bahanura Prezida Ndayishimiye harimwo umuhungu wa prezida Buyoya

Yatangajwe

Mu kiganiro yagiranye n'abarundi baba mu mahanga i Ngozi mu buraruko bw'Uburundi, prezida Evariste Ndayishimiye yashikirije amazina ya bamwe muri bo bamuha impanuro, muri bo hakaba harimwo Olivier Buyoya.

Uwo ni umuhungu w'uwahoze arongoye Uburundi, Pierre Buyoya yitabiye Imana mu gihugu ca Mali mu kwezi kwa cumi mu 2020.

Prezida Ndayishimiye yashimye ingene Abarundi baba mu mahanga baba abahanuzi mu nzego z'igihugu.

Yagize ati:"Jewe ubwanje ndamaze kubona abarundi bitwararika bakabona nk'ingorane ziri mu Burundi, bakavuga bati 'uwogira uku ntivyokunda?'

"Hariho abanyabwenge dufise nka Leonce Ndikumana aba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ahora afata umwanya akagira icigwa ku bijanye n'ubutunzi n'iterambere mu Burundi, akabindungikira kandi nkabona ko bigize akamaro turiko tubikorerako.

"Hariho nk'uwitwa Janvier Nkurunziza, hariho uwitwa Olivier Buyoya, hariho Fred Ngoga, bafata bakandika neza bakangirira note nk'uko boba ari aba 'conseillers' (abahanuzi) turi kumwe ngaha. Bakandungikira, ahubwo ngansanga bariko bakora neza cane gusumba n'aba 'conseillers' banje turi kumwe. Kandi bo badahembwa."

Prezida w'Uburundi yavuze ko ivyo vyerekana ko ari umutima ukomeye wo gukunda igihugu.

Abandanya avuga ko ivyo biha intege "n'ibinebwe biri ngaha kuko bica vyibaza biti 'ndushwe n'abari muri Amerika guhanura umukuru w'igihugu'?"

Ku muhungu wa prezida Pierre Buyoya, yagize ati: "Hari n'abatangaye bumvise nk'uyu Olivier Buyoya ashobora kundungikira 'note' (urwandiko) kandi ugasanga ni ngirakamaro kuko ntibanamuheruka, mbere benshi ntibanamuzi no mu maso".

Prezida Ndayishimiye yabwiye Abarundi baba mu mahanga ko abahaye ubwo burorero kugira bumve ico bakwiye kumarira igihugu cabo.

Yababwiye ko atari ukuza gusa mu manama no guhura n'umukuru w'igihugu.

Avuga ko ibihugu vyinshi vyo kw'isi bitezwa mbere n'abagiye kurahura ubwenge ahandi, bakazana uburorero babonye ahandi.

Indwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga 'diaspora' yatanguye itariki 26 bikaba bitegekanijwe ko irangira uyu musi itariki 29 z'ukwezi kw'indwi 2022.