Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuriyoni w'abana bashobora gupfa Amerika ni yagabanya amafaranga ishira mu ncanco – Gavi
- Umwanditsi, Dorcas Wangira
- Igikorwa, BBC Africa health correspondent
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Ishirahamwe mpuzamakungu ry'amagara y'abantu rigabisha ko abana imiriyoni imwe bashobora gupfa kubera indwara zishobora kwirindwa ari nka hamwe Reta Zunze Ubumwe za Amerika zohagarika imfashanyo y'amafaranga zari zisanzwe zitanga.
Dr Sania Nishtar – umukuru w'ishirahamwe Gavi, urunani rugura incanco nkenerwa cane rukaziha ibihugu bikiri mu nzira y'amajambere – yabwiye BBC ko ari nka hamwe Amerika yogabanya aya mafaranga vyogira "ingaruka mbi cane ku magara y'abantu kw'isi".
Avuze ibi inyuma y'inkuru y'ikinyamakuru New York Times ivuga ko ubutegetsi bwa Trump butegura guhagarika amafaranga agenewe Gavi – Amerika ikaba iza ubwa gatatu mu bihugu biha uru runani amafaranga.
Gavi nta rwandiko ruyimenyesha ivy'ihagarikwa ry'aya mafaranga atangwa na Amerika, ariko yariko "ivugana na Maison Blanche [ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika] hamwe n'inama nshingamateka na nkenguzamateka" kugira ngo irabe ko yoronka imiriyoni 300 z'amadorari y'Abanyamerika kugira ngo ishobore kurangura ibikorwa vyayo mu 2025, hamwe n'ayandi yo gukoresha mu gihe kirekire, nk'uko Dr Nishtar abivuga.
Amerika yari yemeye gutanga imiriyaridi 1.6 z'amadorari ku kiringo ca 2026-2030 – hafi 15% z'amafaranga yose Gavi izokoresha.
Kuva ashitse ku butegetsi muri Nzero (1) 2025, Perezida Donald Trump wa Amerika abandanya asigura ko ashaka ko amafaranga atangwa hanze ajana mu buryo bwa hafi n'umugambi wiwe uzwi nka "America First" (twogereranya na America imbere ya vyose).
Igisata kijejwe iterambere kw'isi kiriko citegurira ingaruka zikomeye ku migambi y'ubutabazi kw'isi yose.
Ishirahamwe USAID ni rimwe mu mashirahamwe yakozweko n'umugambi w'igabanywa z'ano mafaranga kuva umwaka wa 2025 utanguye, igihe ubutegetsi bwa Trump bwategeka ihagarikwa ry'imfashanyo mpuzamakungu yose mu kiringo c'imisi 90.
Ku bana imiriyoni 500 bategerezwa gucandarwa kw'isi yose, imiriyoni 75 bashobora kubura urucanco ari nka hamwe Gavi yotakaza amafaranga atangwa na Amerika, nk'uko Dr Nishtar abivuga, ivyotuma bahitanwa n'indwara zishobora gukingwa, nk'agasama, igituntu, umusonga n'ubukangwe.
Avuga kandi ko ibi bishobora gusigura kandi ko ubushobizi bw'amareta n'amashirahamwe ajejwe amagara y'abantu bwo kubungabunga amagara y'abantu kw'isi biciye mu ncanco zo kurwanya indwara nka Ebola, kolera na mpox, bushobora guhungabana.
Ishirahamwe ry'ubuvuzi Médecins Sans Frontières (MSF) riremeranya na Gavi igabisha ku nkurikizi zishobora kuva kw'igabanywa ry'ano mafaranga.
Carrie Teicher ajejwe imigambi muri MSF ya Amerika agira ati: "Inkurikizi z'iyi ngingo ya poritike zizoba mbi cane".
Ikigo ca Afrika kijejwe kugenzura no gukinga indwara, Africa Centres for Disease Control and Prevention (Africa CDC), "kirashigikiye cane" Gavi kandi kiriko "kiravugana" n'abategetsi ba Amerika ku bijanye n'ihungabana ryatewe n'ihagarikwa ry'amafaranga agenewe imigambi nyamukuru, nk'uko bivugwa va Dr Ngongo Ngashi arongoye igisata c'ibibazo vyihuta muri Africa CDC.
Yongerako ati: " Turiko turashira imbere incanco zisanzwe ariko kandi turazi ingene incanco zihambaye cane mu bihe bidasanzwe".
Dr Ngashi avuga kandi ko "bikenewe cane ko turondera izindi nzira zacu zo kurondera amahera – zitagendera ku ngingo z'abasanzwe badufata mu mugongo", kandi zifasha Abanyafrika "guteza imbere amagara y'abantu".
Gavi ivuga ko izogerageza kwongereza urutonde rw'abandi botanga imfashanyo. Indonesia, igihugu cahoze kironswa imfashanyo ya Gavi, cabaye kimwe mu bitanga imfashanyo mu mwaka uheze.
Dr Sania Nishtar yavuze ati: "Nk'ishirahamwe rito kandi rikora neza aho amasenti 97 kuri buri dolari ryose ritanzwe aja muri migambi yo gukinga, ntibishoboka ko umuntu yokwiyumvira ko igabanywa iryo ari ryo ryose ry'amafaranga atangwa na Amerika ritogira ingaruka mbi ku buzima bw'isi yose no ku mutekano w'abanyagihugu aho bari hose".
BBC yegereye ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Amerika, ari na bwo bufise mu minwe ibisigaye muri USAID kugira ngo bugire ico bushikirije, ariko nta nyishu iraronka.
Nkechi Ogbonna wa BBC yaterereye muri iyi nkuru.