William Ruto: Ingene urubanza rwiwe rwahagaze muri sentare mpuzamakungu

Yatangajwe

Inyuma y’intureka yakurikiye impari z’amatora y’umukuru w’igihugu mu 2007, William Ruto yagirijwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC/CPI gukokeza ivyaha bikorewe zina muntu.

Ruto niwe aheruka gutangazwa ko yatsinze amatora ya prezida wa Kenya.

Ico gihe Ruto yagirijwe kwica, kwangaza no kuburabuza – ivyo vyose akaba yarabihakanye.

Vyavugwa ko yari kizigenza mu gutunganya umugambi wo gutera abanywanyi ba Party of National Unity muri Rift Valley.

Mu gihe urubanza rwariko ruraba, ku bw’abashikirizamanza, bamwe mu bari kuba ivyabona/abatangabuhamya barishwe, abandi baraburwa irengero canke arakosora ivyo yari yavuze.

Abunganira Ruto bavuze ko ivyabona b’ubushikirizamanza babwirwa ivyo bavuga canke bagahabwa agashirukabutse kugira bavuge.

Amaherezo urubanza rwahavuye rubura ifatiro, sentare ivuga ko ata vyemeza bikwiye kugira rubandanye, ariko yanka kweza Ruto.

Umwe mu bacamanza yavuze ko urubanza rwagenze nabi kuko “habaye ukwishuka mu bijanye n’amasura hamwe n’ukwivanga kubabaje kwa poritike”.

Abacamanza ba ICC bavuze ko urwo rubanza rushobora gusubira kwugururwa hamwe hoboneka ibindi vyemeza.

Ariko, hari akagoborandya muri iyi harabaye.

Uwahora ari umushingwamanza aburanira Ruto, Karim Khan QC, ubu niwe mushikirizamanza wa ICC, rero kuzana ibishasha ku wahoze ari umukiriya wiwe vyojana sentare  mu karere itazi – bikazana kandi ibibazo bishasha kuri ICC na Ruto.