Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea ya Ruguru yahagaritse umusirikare wa Amerika yiteye ku butaka bwayo
- Umwanditsi, Na Antoinette Radford & Simon Fraser
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Korea ya Ruguru ivugwa ko yataye muri yompi umusirikare wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yajabutse urubibe rucungerewe cane avuye muri Korea y’Epfo ata ruhusha afise.
Uyu mugabo yari mu rugendo rwateguwe na ONU muri aka karere kagabura ibi bihugu bibiri kagenzurwa n’iri shirahamwe.
Iki kibazo cadutse mu gihe harangwa icuka kibi hagati ya Amerika na Korea ya Ruguru, kimwe mu bihugu vyigijwe inyuma. Amerika ibwira abanyagihugu bayo kutaja muri ico gihugu.
Intwazangabo nkuru ya Amerika ivuga ko bataravugana n’uno musirikare.
Amiral John Aquilino arongoye ingabo za Amerika mu karere ka Indo-Pacific avuga ko uno musirikare yinjiye muri ico gihugu n’ibigirankana ata ruhusha yari afise, kandi ko igisirikare ca Amerika muri Korea kiriko kirakora amatohoza.
Amasaha makeya inyuma y’ihagarikwa ry’uno musirikare, Korea ya Ruguru yaciye itera ivyikekwa ko ari ibisasu bibiri vya misire mu nyanja.
Iraswa ry’ibi bisasu, nk’uko ryemejwe n’igisirikare ca Korea y’Epfo, ribaye mu gihe icuka kibi ciyongereye muri aka karere ka Korea. Nta cerekana ko iri raswa ry’ibi bisasu rifitaniye isano n’ihagarikwa ry’uno musirikare.
Ntibizwi neza nimba uno mugabo yatorokeye muri Korea ya Ruguru canke nimba yizeye kugaruka. Korea ya Ruguru ntaco irashikiriza.
Pentagon (ibiro vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) ivuga ko uno yari umusirikare muto azwi kw’izina rya Travis King, kandi ko yinjiye igisirikare muri Nzero (1) 2021.
Ikinyamakuru Associated Press kivuga ko uno musirikare King asa n’uwari mu bihano vy’inyifato mbi inyuma yo gupfungirwa muri Korea y’Epfo yagirizwa kurwana.
Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru CBS News co muri Amerika gikorana na BBC, King yaciye ku bajejwe umutekano ku kibuga c’indege Seoul (umugwa mukuru wa Korea y’Epfo) ariko arashobora kurengana aja muri uru rugendo, ari naho yaronkeye akaryo ko kujabuka.
Igisirikare ca Amerika kivuga ko yabikoze "abishaka kandi ata ruhusha afise".
Umwe mu babibonye yari muri urwo rugendo yabwiye CBS ko bari bagendeye inyubakwa iri kuri uru rubibe mu kigwati ca Panmunjom – kivugwa n’ibinyamakuru ko ari co caterewemwo amasezerano y’agahengwe – igihe "uno mugabo yatera ijwi hejuru avuga ngo 'ha ha ha' agaca yiruka yinyuranganywa hagati y’amazu”.
Kino cabona avuga ati: "Jewe bigitangura nagira vyari ivyo gufyinata, ariko maze kubona atagarutse, niho nabonye ko ata vyo gufyina birimwo”.
Ingabo za ONU zicungereye aka karere katagira ingabo (Demilitarised Zone, DMZ) hamwe n’akarere rusangi, (joint security area, JSA), zavuze ko abantu bazo bavuganye n’igisirikare ca Korea ya Ruguru mu kugerageza kurondera ingene uno musirikare yorekurwa.
"Twemeza ko ubu ari mu gasho ko muri Korea ya Ruguru kandi turiko turakorana na bagenzacu b’igisirikare cayo kugira dutorere umuti iki kibazo”.
Ntibizwi neza aho King apfungiwe canke ingene amerewe.
Greg Scarlatoiu, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’agateka ka muntu, Committee for Human Rights in North Korea, rifise icicaro i Washington DC yabwiye BBC ko abategetsi ba Korea ya Ruguru bashobora kuba bariko “bagerageza kumuvomamwo amakuru” ku bijanye n’igisirikare kandi “bagerageza kumuhata kuba igikoresho cabo ca propaganda”.
Aka karere katagiramwo ingabo ( DMZ) kagabura izi Korea zibiri kandi ni kamwe mu turere ducungerewe bikomeye kw’isi.
Kuzuye ama-mine, kakaba kazungurutswe n’uruzitiro rw’intsinga rurimwo umuyagankuba na za kamera za maneko. Abagacungereye bafise n’ibirwanisho bategerezwa kuguma barikanuye amasaha 24 kuri 24.
Aka karere ka DMZ niko kagabura ibi bihugu kuva igihe c’intambara ya Korea mu myaka ya 1950, aho Amerika yashigikiye Korea y’Epfo. Ino ntambara yagiye guhagarara bateye igikumu ku masezerano y’agahengwe, ibi bigasigura ko izi mpande zompi mu bisanzwe zikiri mu ntambara.
Abantu batari bake baguma bagerageza guhunga Korea ya Ruguru buri mwaka, bahunga ubukene n’inzara, ariko guhunga uciye kuri DMZ ni bibi cane kandi ntibikunze kuba. Iki gihugu carugaye imbibe zaco mu 2020 igihe haduka ikiza ca Covid-19 kandi gushika ubu ntizirugururwa.
Igihe ca nyuma aka karere rusangi gaheruka kujabukwa n’umusirikare hari mu 2017, igihe umusirikare wa Korea ya Ruguru yahaje anyonga imodoka, hanyuma akiruka n’amaguru akajabuka urubibe, nk’uko Korea y’Epfo yabivuze ico gihe. Uyo musirikare yarashwe amasasu 40 ariko ararokoka.
Imbere y’ikiza, abantu barenga 1,000 nibo bahunga Korea ya Ruguru buri mwaka bahungira mu Bushinwa, nk’uko biri mu biharuro vyasohowe na reta ya Korea y’Epfo.
Ipfungwa ry’uno musirikare ni ikibazo gitesheje umutwe Perezida Joe Biden wa Amerika. King azwi ko ari we munyamerika rudende ubu apfungiwe muri Korea ya Ruguru. Abanya -Korea y’Epfo batandatu ni bo bagipfungiwemwo.
Imigenderanire hagati ya Amerika na Korea ya Ruguru yarasenyutse mu 2017 inyuma y’uko umunyeshure wa Amerika yari yahagaritswe umwaka umwe imbere y’ico gihe yivye icapa ca propaganda yasubijwe muri Amerika atagikoma, mu nyuma akaba yahavuye apfa.
Umuryango wiwe wagirije abategetsi ba Korea ya Ruguru ko ari bo ntandaro y’urupfu rwiwe.
Abanyagihugu ba Amerika batatu bararekuwe ku butegetsi bwa Donald Trump mu 2018. Ariko amaherezo, urukurikirane rw’ibiganiro hagati ya Kim Jong Un n’uyu yahoze arongoye Amerika ntaco vyamaze mu kunagura imigenderanire.
Kuva ico gihe, Korea ya Ruguru imaze kugerageza ibisasu vya misire bikomeye bitari bike bishobora kwikorera ibisasu vya nikleyeri, ivyatumye Amerika n’incuti zayo ziyifatira ibihano.
Ihagarikwa ry’uno munyamerika ribaye umusi nyene ubwato bwa nikleyeri bwa Amerika bushika muri Korea y’Epfo, ubwa mbere kuva mu 1981.
Ubu bwato bwatanzwe kugira ngo bufashe ico gihugu kwirwanako mu gihe coramuka gitewe na Korea ya Ruguru ikoresheje ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.
Imbere y’uko burungikwa, Pyongyang (umugwa mukuru wa korea ya Ruguru) yari yagabishije Amerika ko kurungika ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara mu karere ka Korea bishobora guteza indyane za nikleyeri (ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara).
Amasaha make inyuma y’ihagarikwa rya King, igisirikare ca Korea y’Epfo cemeje ko Korea ya Ruguru yarashe ibisasu bibiri vya misire vyaguye hanze y’amazi ari mu karere kegukira Ubuyapani.