Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kwiyamiriza amakori muri Kenya: Batanu baraye bishwe, igice c'ingoro y'inama nshingamateka kiraturirwa
- Umwanditsi, Ido Vock na Basillioh Rukanga
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Abantu nibura batanu bari mu myiyerekano baraye bishwe barashwe n'igipolisi muri Kenya, igice c'inama nshingamateka naco kiraturirwa mu myiyerekano yo kwiyamiriza amakori mashasha muri iki gihugu.
Igico c'abari mu muri iyi myiyerekano buzuye uburakari barashoboye kunesha abapolisi maze bitera mu ngoro y'inama nshingamateka ku mugwa mukuru Nairobi, baturira impande zimwe zayo.
Mw'ijambo yaraye ashikirije nijoro ku wa kabiri, Perezida William Ruto avuga ko azokoresha uburyo bwose bushoboka kugira ateshe "inkozi z'ikibi zogerageza guhungabanya umutekano n'ituze mu gihugu cacu".
Yagomoye igisirikare kugira gifashe igipolisi gutuza iyi myiyerekano.
Imyiyerekano yo kwiyamiriza integuro y'amahera azokoreshwa muri uno mwaka yiyamirizwa n'abanyagihugu, irimwo amakori atari make yadugijwe, imaze imisi. Ariko ibintu vyagiye kwunyuka ejo ku wa kabiri igihe abashingamateka bemeza iyi nteguro.
Abari mu myiyerekano bariteye mu ngoro y'inama nshingamateka, barasagata ibiri muri yo bongera baturira ibice bimwe bimwe vyayo. Intahe yerekana ubukuru bw'inama nshingamateka, yaribwe.
Igipolisi cararashe gikoresheje amasasu nyayo, cica nibura abantu batanu nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ry'abaganga ba Kenya (Kenya Medical Association).
Umunyamakuru wa BBC yariko arakurikirana ivyariko biraba avuga ko yiboneye ibiziga birambaraye mu bidengeri vy'amaraso.
Avuga ku biri muri iyi nteguro, Derrick Mwathu w'imyaka 24 yabwiye BBC ati: "Hari ibintu bimwe bimwe bigoye gutahura, ni gute wotoza ikori rya 16% ku mukate? Ni gute wotoza ikori ku dutambara two mu butinyanka?"
Perezida Ruto avuga ko yiyemeje gukoresha inguvu zose mu gutuza ico yita "akaguma n'akajagari".
Yongerako ati: "Nta n'umwe yokwemera canke ngo atahure ko inkozi z'ikibi zivuga ko ziri mu myiyerekano y'amahoro zishobora guteza iterabwoba ku banyagihugu, ku baserukizi babo bitoreye no ku nzego zashinzwe hisunzwe ibwirizwashingiro ryacu hanyuma ngo bitege ko bogenda uko nyene".
Bivugwa ko abaharurwa mu majana bakomeretse, harimwo abakomerekejwe n'amasasu ya plastiki n'ivyuka vyokera.
Kw'isengero katolika nkuru i Nairobi ahari hubatswe amahema yo gutabara abari mu myiyerekano bakomeretse, umunyamakuru wa BBC yiboneye abasirikare basohora abaganga ku nguvu.
Irindi hema ryari ryubatswe hanze y'ikigo c'ubutabazi ku bitaro Kenyatta National Hospital.
Uhuru Kenyatta yahoze ari umukuru w'igihugu asaba ko hoba ibiganiro, akavuga ko abategetsi ba Kenya bakwiye "kumenya ko ubutegetsi n'ubukuru babihabwa n'abanyagihugu".
Nubwo reta yisubiyeko igakuraho bimwe mu biri muri iyi nteguro, abari mu myiyerekano basaba ko ifutwa yose.
Maureen Awuor w'imyaka 23 ati: "Ijwi ryacu ritegerezwa kwumvirizwa...Turi urunganwe rwahagurutse, rero ni ngombwa batwumvirize".
Iyi myiyerekano iravugwa cane ku mugabane wa Afrika no mu bindi bice vy'isi.
Babiri mu banyaporitike rurangiranwa ku mugabane wa Afrika basanzwe barwanya ubutegetsi, Bobi Wine atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda, hamwe na Julius Malema, umunyaporitike wo muri Afrika y'Epfo agendera ku vyiyumviro bikaze, bompi bagaragaje ko bafashe mu mugongo abari muri ino myiyerekano.
Ibihugu vy'Uburengero bifise impungenge kuri iyi migumuko bigasaba ituze.