Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urubanza rwa Rusesabagina: Abaregera indishi basaba Uburayi na Amerika kutavyivangamwo
Mu Rwanda abashingwamanza baserukiye ababuranira indishi mu rubanza rwitiriwe Paul Rusesabagina, basaba abashingamateka n'amashirahamwe yo mu bihugu vya Buraya na Amerika kureka kuvugira abaregwa birengagije ivyo bagirizwa.
Kubera ingaruka bavuga ko batewe n'ivyaha biregwa urunani MRCD-FLN birimwo ivy'iterabwoba, uyu munsi bashiriye inzandiko ubuserukizi bw'ibihugu vya Bulaya na Amerika i Kigali.
Izo nzandiko ngo zarimwo ubutumwa bugenewe amashirahamwe ya societe civile n'abashingamateka bo muri ivyo bihugu.
Ku bw'abo baregera indishi, ngo abo bashingamateka n'ayo mashirahamwe bakomeza kuvugira abaregwa barimwo Paul Rusesabagina, batitaye ku bahuye n'ingaruka zatewe n'ivyaha bagirizwa.
BBC Gahuzamiryango yavuganye na Maitre Faustin Murangwa yaserukiye ababuranira indishi, tubanza kumubaza ikibaraje ishinga mu bivugwa n'abashigikiye abaregwa (umviriza ico kiganiro aho hejuru).
Woraba kandi n'ibi:
- Paul Rusesabagina: Inteko ya EU yamaganye urubanza yaciriwe isaba ko ahita arekurwa
- Paul Rusesabagina n'abareganwa na we bakatiwe...ibyaranze uru urubanza
- Rwanda: Paul Rusesabagina asabirwa n'ubushinjacyaha kongerwa igifungo
- Paul Rusesabagina: Umuryango we uvuga ko hashize iminsi 15 atarabona inyandiko imukatira