Origami: 'Ntunzwe n'ubugenegene bwo kuzingazinga impapuro'

Yatangajwe

Umuhinga mu bugenegene Polly Verity avuga yuko abantu kenshi batemera yuko kuzingazinga impapuro ari vyo bimutunze gushika biboneye n'amaso yabo ibikorwa vyiwe bisiga ubwenge. Polly arakunda impapuro kandi vyatanguye igihe sekuru yamuha igitabo kivuga kuri ubwo buhinga.