Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Imvo n'Imvano ku majambo ya Prezida Ndayishimiye anebagura bamwe mu bategetsi ba reta
Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 ukwezi kwa cumi mu 2021.
Muri kino kiganiro, turabira hamwe inkuru ibandanya kuvugwa ku mbuga hwaniro inyuma y'amajambo ya Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yavugiye ku mugaragaro anebagura inyifato ya bamwe mu bategetsi ba reta yiwe.
Prezida Ndayishimiye yarumvikanye yidogera urwego rw'ubutungane, aravuga atarya umunwa ko rupfukamye mu nda igihugu kubera igiturire mu bucamanza, anavuga ko iyo nyifato ari imwe mu mpamvu zikomeye ituma abanyamitahe batagira icizere co gushora imitahe yabo mu Burundi.
Mu ntumbero yo gukurikiza amategeko no gutanga akarorero keza mu kwirinda kurya igiturire, Prezida Ndayishimiye yarahamagariye abategetsi bakuru bakuru na we nyene arimwo, gushira ku mugaragaro itunga bafise. Igikorwa ariko gushika n'ubu kitararangurwa.
Yaranidogeye yongera arabogoza ku mugaragaro abagaragayeko ukutarangura neza amabanga bashinzwe, ariko budakeye kabiri hari abaciye bashingwa ayandi mabanga.
Yarafashe n'ingingo yo guhana abahanuzi biwe yavuze ko bagaragaye basivye akazi, yongera anabakata n'igice c'imishahara bahembwa.
Ivyo vyose avuga ko abikora mu ntumbero yo gushira mu bikorwa ivyo abanyagihugu bamutoreye.
Aherutse no kuvuga ko ivyo bikorwa akora bimaze gutuma hari n'abavuga ko barondera kumwica kuko bibabangamira. Prezida Ndayishimiye ntiyatinye kuvuga ko abo babivuga ari bamwe mu bagumyabanga bo mu mugambwe wiwe wa CNDD-FDD.
Ayo majambo n'ingingo agenda arafata biratanga icizere ko ibintu bizohinduka nk'uko avyifuza? Hakenewe iki kugira izo mpinduka yipfuza azishikeko? N'izihe ntambamyi zikomeye ashobora kugira muri iyo ntambara yatanguye avuga ko ifise intumbero yo gusubiza ku murongo ubutegetsi amazeko umwaka urenga?
Ivyo ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kiganiro c'Imvo n'Imvano mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo, muri studios za BBC i Nairobi.
Muri kino kiganiro rero turi kumwe n'umutumire Gérard Hakizimana arongoye ishirahamwe FOLUCON rigwanya ikimenyane na ka mwana wa mama mu Burundi, ari i Bujumbura.
Turi kumwe kandi n'umushakashatsi mu vyigwa vya politike kuri Kaminuza ya Bruxelles mu Bubiligi, Prof Gérard Birantamije.
Hamwe rero n'umushingamateka Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL utavuga rumwe na reta mu Burundi.