Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Leta y'u Burundi ihakana ibivugwa n'umugwi wa ONU ku gateka ka muntu
Nyuma y'aho umukuru w'akanama kigenga ka ONU gakora amatohoza ku gateka ka zina muntu mu Burundi avugiye ko Prezida Evariste Ndayishimiye ata gifatika arakora mu kukabungabunga, leta y'u Burundi yavyiyamirije.
Doudou Diene arongoye ako kanama kamaze imyaka itanu yabivugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ejo hahise, hatangazwa icegeranyo c'ako kanama kigira gatanu kw'iyubahiriza ry'agateka ka zina muntu mu Burundi.
Reta y'u Burundi yagumye ihakana ivyegeranyo ako kanama kagiye karasohora ivuga yuko ari ibinyoma kandi bifise intumbero ya poritike.
Prudent Nsengiyumva yavuganye na Ambasaderi w'u Burundi i Geneva, Tabu Renovat, atangura amubaza nimba ico cegeranyo yarakibonye.
Urashobora kwumva ico kiganiro aho hejru