Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ACAT risaba ko Rukuki yokingirwa niyarekurwa
Ishirahamwe ry'Abakristu rirwanya ikubagurwa mu Burundi, ACAT, risaba ko uwuharanira agateka ka muntu Germain Rukuki, yokingirwa niyarakurwa.
Ku wambere sentare gasambura-manza ya Ntahangwa yafashe icemezo co kugabanya cane igihano c'igifungo cahawe Bwana Rukuki, igikura ku myaka 32 kija ku mwaka umwe.
Germain Rukuki yatawe muri yombi mu mwaka w'2017, nk'uko itegeko ribivuga, iyo ngingo ya sentare ikaba isigura yuko yategerezwa guca arekurwa.
Ishirahamwe ry'Abakristu rirwanya ikubagurwa mu Burundi, ACAT, ari naryo Germain Rukuki yakorera, ryasohoye itangazo risaba leta y'u Burundi kumucungerera umutekano niyava mw'ibohero.
Prudent Nsengiyumva yavuganye n'umuyobozi wa ACAT, Armel Niyongere, atangura amubaza impamvu gushika ubu Bwana Rukuki atararekurwa.