Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunyarwandakazi Isabelle Kamariza ku rutonde rwa Forbes
Yatangajwe
Umunyarwandakazi Isabelle Kamariza ari ku rutonde rw'ikinyamakuru co muri Amerika, gitanga udushimwe, Forbes.
Ni urutonde rw'abagore 8 ba mbere muri Afrika, baranzwe n'ibikorwa bihindura ubuzima bw'abandi cane cane abari mu bibazo bakeneye gufashwa.
Isabelle Kamariza yashimwe kubera ikigo ciwe 'SolidAfrica', kigemurira abarwayi badashobora kwifungurira mu bitaro bine mu Rwanda.
Yavuganye na Florentine Kwizera, atangura amubaza uko yakiriye ako gashimwe (umviriza aho hejuru).