Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunsi wahariwe abagore: Mu Burundi ngo baraciye akenge ko kwishira hamwe
Mu gihe isi yaraye ihimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe guharanira uburenganzira bw'abakenyezi n'iterambere ryabo, muri iyi ndwi turacihweza aho isemo igeze kuri iki kibazo c'uburinganire ku burenganzira hagati y'abagabo n'abagore.
Mu Burundi, abagore ngo baramaze guca akenge ko kwishira hamwe mu migwi yo gukorera hamwe, bikabatuma kuronka umutahe no kugwiza umwimbu n'ubwo ibibazo bitabuze.
Kimwe mu bibazo nyamukuru bisigaye ni ihohotera rifatiye ku gitsina, aho mu ntara zigera kuri 19, harangwa ibigo bitatu gusa bishobora kwakira no gufasha mu buryo bwa mbere abakorewe ayo mabi.
Ariko rero ngo ibintu biriko birahinduka mu nzira nziza.
Ivyo Florentine Kwizera yabibwiwe n'uwujejwe umugambi w'iterambere ridakumira mw'ishirahamwe ACORD Burundi, Mme Sophie Havyarimana (umviriza ikiganiro aho hejuru ukanze kw'ifoto)