Marie-Louise Sibazuri: "Amasezerano y'ubumwe bw'Abarundi yaragize ico amara"

Yatangajwe

Uno munsi mu Burundi wari umunsi w'akaruhuko hibukwa imyaka 30 iheze hemejwe amasezerano y'ubumwe bw'Abarundi yari afise intumbero yo kurangiza indyane zishingiye ku bwoko, intara na politike.

Ayo masezerano yashitsweko hamaze kuba ubwicanyi i Ntega na Marangara mu 1988.

Ayo maseserano yemejwe itariki 05/02/1991, ni kimwe mu nkingi zigize ibwirizwa shingiro ry'u Burundi.

Ariko kuva ico gihe ayo masezerano ntiyabujije ko izo ndyane ziguma zigaruka mu gihugu mu myaka yayakurikiye.

Umwe mu bari mu mugwi wateguye ayo masezerano ni Madame Marie-Louise Sibazuri, azwi cane nk'umuhinga mu kwandika ivyese, ubu aba muri Australia.

Yaganiriye kuri telephone na Cyriaque Muhawenayo, atangura amubaza niba asubije amaso inyuma abona hari ico ayo masezerano yamariye u Burundi n'Abarundi?

(Umva ico kiganiro aho hejuru)

Urashobora kandi gushima n'ibi: