Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano: Ibitekerezo by'abatwandikiye bavuga ku minsi 100 ya Perezida Evariste Ndayishimiye
Mwabonye bucya mwese muteze amatwi Imvo n'Imvano yo kuri uyu wa gatandatu tariki ya 21 z'ukwa 11 mu 2020. Uyu munsi turaha umwanya abatwandikiye bashaka gutanga ibitekerezo ku biganiro twabagejejeho ku itariki ya 3 n'iya 10 z'ukwezi gushize kwa 10, aho twavugaga ku minsi 100 ishize “leta mvyeyi, leta nkozi” ya Prezida Evariste Ndayishimiye imaze igiyeho mu Burundi.
Icyo gihe abatumire bacu bari Jean de Dieu Mutabazi, umukuru w'umugambwe w'intadebukirwa RADEBU, wegamiye ku butegetsi.
Faustin Ndikumana, umuhinga mu by'ubutunzi watanze umwihwezo ku bijyanye n'ubutunzi hamwe n'intwaro ibereye nyuma y'iminsi 100 Prezida Ndayishimiye amaze agiye ku butegetsi.
Hamwe kandi na Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME, ishyirahamwe rirwanya igiturire n'isesagurwa ry'amatungo y'igihugu.
Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Félin Gakwaya.