Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Paul Pogba wa Manchester United bamusanzemwo coronavirus
Umukinyi wo hagati wa Manchester United Paul Pogba yapimwe asanga yanduye wa mugera wa coronavirus, nk'uko bivugwa na Didier Deschamps, umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu w'u Bufaransa asanzwe akinira.
Uyu mukinyi w'imyaka 27 yaciye ashirwa ukwiwe mu kiringo c'iminsi 14.
Ntazoshobora gukina mu rukino rw'ihiganwa ry'Ubufaransa ruzobera muri Suwede ku wa gatandatu 05 z'ukwezi kw'icenda, hamwe n'urundi ruzohuza u Bufaransa na Croatia inyuma y'iminsi itatu.
Hagati aho, Pogba arashobora gukina urukino rwa mbere rwa Manchester United mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza mu mwaka w'inkino wimirije ruzoyihuza na Crystal Palace ku wa 19 z'ukw'icenda.
Umurwi wiwe wasohoye itangazo aho uvuga ko "Bose muri Man U baripfuriza Paul ko yokira ningoga kugira aze atangure ihiganwa riza ameze neza".
Mu murwi nserukiragihugu w'u Bufaransa, Pogba azosubirirwa n'uwitwa Eduardo Camavinga, umukinyi w'imyaka 17 asanzwe akina mu murwi Rennes.
Deschamps ati: "Namaze guhindura, ku munota wa nyuma, urutonde rw'abakinyi".
Avuga ko ejo ariho Pogba yafatwa ibipimo vya coronavirus, inyishu zikaba zagiye kuja ahabona uno munsi, zerekana ko yanduye.