"Ndimbati" wo muri "PAPA SAVA" ari gufasha abatishoboye mu bihe bya coronavirus mu Rwanda

Yatangajwe

Benshi bamuzi kw'izina ryiwe ry'umunyatugenegene mu gutwenza ari ryo Ndimbati, bakamuraba mu gakino gaca kuri YouTube kitwa Papa sava.

Uwo ni Uwihoreye Jean Bosco Mustafa. Mustafa rero canke Ndimbati, yatanguje igikorwa co kugarukira ku bakozweko n'ingamba zo kurwanya ikiza ca coronavirus mu Rwanda, zirimwo kubwiriza abantu kuguma muhira mu kwirinda kwanduzanya.

Benshi mu bari batunzwe n'ubuzi bw'umunsi ku munsi, kuronka ivyo kurya gisigaye ari ikibazo, kiretse baronse uwubafasha.

Robert Patrick Misigaro yavuganye na Uwihoreye Jean Bosco Musfata, azwi kandi nka Ndimbati, amubaza aho yakuye iciyumviro co gufasha muri ubwo buryo (umviriza ico kiganiro aho hejuru).