Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abikorera ibyabo mu Rwanda bari mu rugo kubera Covid-19 ngo kubaho bigiye kubananira
Ingingo yo kubuza abantu kuva muhira yafashwe na leta y'u Rwanda nk'uburyo bwo kurwanya ikiza ca coronavirus ngo igiye guteza ibibazo vyo kubaho ku bikorera ivyabo.
Bamwe mu banyagihugu bo mu Rwanda, cane cane bari batunzwe n'imyuga yo kwisumamwo ku munsi ku munsi, bavuga ko ingaruka zo kudashobora gucaruka zitanguye kubagerako.
Akarorero ni Alain Mataki, umugabo atunze umuryango, asanzwe akora umwuga wo gusukura imishatsi i Remera mu muji wa Kigali.
Yabwiye Florentine Kwizera ko n'aho akigerageza kwirwanako, abona ko bishobora kumugora hamwe atoshobora gusubira ku murimo inyuma y'iyi ndwi.
Avuga ko impamvu ari uko amikoro yabona muri uwo mwuga ari ayamutunga buri munsi.
Ushobora kwumva ico kiganiro aho hejuru.
- CORONAVIRUS: Yavuye he, ifata ite, yakwirindwa gute?
- IBINDI BIBAZO WIBAZA KURI IKI CYOREZO:Ibi ni bimwe mu bisubizo
- UMUBIRI UYIRWANYA GUTE: Abahanga bamenye uko bigenda
- DUSABWA KWIRINDA KWIKORA MU MASO: Twabigenza dute?
- WABA URI MU RUBYIRUKO? OMS ivuga ko utakwirara
- KWISHYIRA MU KATO: Ni ryari? Bikorwa gute? Bitanga iki?