Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano ku mutekano ukomeje kuzamba i Minembwe (igice cya 2)
Igice cya kabiri cy'ikiganiro twabagejejeho ubushize ku mirwano i Minembwe muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Imvo n'Imvano iragerageza kumenya impamvu ikibazo cy'umutekano mu misozi miremire ya Minembwe gikomeje kuba ingorabahizi, mu gihe leta ya Congo ivuga ko ifite ubushake bwo kukirangiza.
Abatumire bacu ni Gad Mukiza, Bourgmestre wa komini Minembwe, Pierrot Kaloba, umuyobozi w'aba Nyendu, Moïse Nyarugabo, umushingamateka watowe mu karere ka Minembwe, hamwe rero na Nyamuombeza Ombe, Umunyecongo ukomoka i Bukavu ariko uba muri Finland.
Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Félin Gakwaya.