Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Guhagarika gupima umugera wa SIDA ikivunga ngo si mu Burundi honyene
Leta y'u Burundi iherutse gutangaza ingingo yafashe yo guhagarika gupima umugera wa SIDA ikivunga, ahubwo ikibanda ku migwi ifise ivyago vyo kwandura kurusha abandi.
Iyo ngingo ngo ntifashwe n'u Burundi gusa kuko iriko irafatwa n'ibihugu vyinshi hirya no hino kw'isi, ahanini ikaba iterwa n'uburyo ariko kandi n'uko hakenewe guhindura uburyo uwo mugera upimwa.
Madamu Jeanne Gapiya, yatanguje ikigo ca ANSS gisanzwe citaho ico gikorwa co kurwanya umugera wa SIDA, yabisiguriye BBC Gahuzamiryango mu kiganiro yagiranye na Florentine Kwizera.