Mu Burundi malaria yoba yabaye ikiza?

Yatangajwe

Abajejwe amagara y'abantu muri Leta y'Uburundi bafadikanije n'abaserukira ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu OMS, bariko barihweza icatumye ingwara ya malaria ifata abantu benshi muri uyu mwaka kuruta uko vyahora.

Ibiro vya ONU bijejwe gutunganya ibikorwa vy'ubutabazi OCHA, bimenyesha ko ibitigiri vya malaria yabonetse ku barwayi kuva mu ntango z'uyu mwaka, bigeze kuri 5 700 000, nayo abo yahitanye bagera ku 1800.

Nimwumvirize uwuserukira OMS mu Burundi, Kazadi Mulombo.

Avuga ko bariko bafashanya na leta gukora ibishoboka ngo iyo ngwara igabanuke, ariko yirinze kuvuga ko igeze ku rugero rwo kwitwa ikiza canke kwemeza ibiharuro bivugwa, kuko leta ari yo ibishinzwe.