Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Nduta muri Tanzania ziratabarizwa
Uyu munsi n'umunsi mpuzamakungu wahariwe kwitaho ibibazo vy'impunzi kw'isi.
Icegeranyo c'ishirahamwe HCR cerekana ko mu mwaka wa 2018 impunzi ku isi zari zikubye inshuro zirenga zibiri kurusha uko vyari bimeze mu myaka 20 ishize.
Mu bihugu vyo mu karere bifise impunzi nyinshi hanze, ni u Burundi.
Igihugu cya Tanzaniya kikaba aricyo gifise igice kinini c' izo mpunzi z'abarundi.
Hari Abarundi badashimishwa n'uko impunzi zo mu nkambi ya Nduta muri Tanzaniya zifashwe.
Umwe muri bo, avuga ko ashigikiwe n'abandi batanu, bakaba bashize inyandiko kuri internet bamenyesha HCR agatotezo impunzi z'Abarundi ziri muri Tanzaniya mw'ikambi ya Nduta zikorerwa.
Nimwumvirize Marie Louise Baricako, ayoboye umuhari w'abakenyezi n'abigeme baharanira Amahoro mu Burundi, ari mu Rwanda. Yaganiriye na Florentine Kwizera.