Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli, Benjamin Netanyahu, agire yagirizwe ivyaha vy'igiturire
Umugenzacaha mukuru wa Isiraheli avuga ko agire ashinje ivyaha vya ruswa umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, habanje kuba ukwumvirizwa.
Bwana Netanyahu ari mu kwagirizwa ivyaha birimwo kwakira igiturire, gukora amagendo hamwe no gucafuza icizere yagiriwe.
Umugambwe wiwe Likud uri ku butegetsi wavuze ko ivyo vyagiriji bisa n'ihohoterwa rishingiye kuri politike, bikaba bije hasigaye indwi 6 ngo habe amatora rusangi.
Umunyamakuru wa BBC akorera i Yerusalemu yavuze ko ukwo kwumvirizwa, kuzovamwo ingingo yo kumwagiriza ivyo vyaha, kutitezwe kuba imbere y'amatora.
Bwana Netanyahu akekwa kuba yarakiriye impano z'abaserukira ibigo vy'ubudandaji hamwe no gushaka kubwiriza ibitangazamakuru ngo bimuyage neza.