Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umupfasoni Madonsela yaronse agashimwe ka Forbes
Uwahoze acungera ineza y’abanyagihugu mu gihugu ca Afrika y'epfo, Thuli Madonsela, yagenywe nk’umuntu rurangiranwa gusumba abandi mu 2016 na Forbes.
Umupfasoni Madonsela yaciyeko abaprezida batatu bo muri Afrika, uwundi munye Afrika y’epfo umwe hamwe n’abandi bantu bo mu Rwanda mu gutahukana iyo ntsinzi.
Prezida wa Tanzania John Pombe Magufuli hamwe na mugenzi we Ameenah Gurib wa Mauritania bari mu rutonde rw’abaharanira ako gashimwe.
Uwundi ni umudandaza wo muri Afrika y’epfo Michiel le Roux yatanguje ibanke ya Capitec.
Umupfasoni Madonsela, yatangajwe ko ari we abaye uwa mbere mu birori vyabereye I Nairobi ku musi wa kane ku mugoroba, yamenyekanye cane kubera ukwiyamiriza igiturire igihe yari mu kibanza co kugwanira ineza y’abanyagihugu muri Afrika y’epfo.
Yakoze ako kazi kuva mu 2009 gushika itariki 14 z’ukwezi kwa cumi muri uyu mwaka, mu kiringo c’imyaka itandatu.
Muri ico kiringo, yaragize amatohoza kuri prezida, abakuru b’igipolisi, abategetsi bakuru ba reta eka mbere n’abatavuga rumwe na reta.
Amatohoza yiwe yatumye hahagarikwa mu kazi umukuru w’igipolisi Bheki Cele mu mwaka wa 2011.
Yarigeze kandi kugira amatohoza ku mukuru w’umugambwe Economic Freedom Fighters, Julius Malema, mu mpera z’ikiringo ciwe yamushigikiye ku matohoza yariko aragira ku bucuti buri hagati ya prezida Jacob Zuma n’umuryango utunze cane wa Gupta.
Yaragize amatohoza kuri prezida ku mahera yakoresheje mu gusubiramwo inzu yiwe iri i Nkandla.
Umupfasoni Mdonsela afise abana babiri.
Yahoze ari umushingwamanza n’umukuru w’amashirahamwe y’abakozi mu gihe hakiriko haragwanywa intwaro ya Karyanishamiryango.
Uyu ubaye umwaka ugira gatandatu hatangwa ako gashimwe ka Forbes ku muntu rurangiranwa muri Afrika.
Abari bamaze gutahukana ako gashimwe:
- 2011 - Sanusi Lamido Sanusi, ico gihe yari umukuru w’ibanke nkuru ya Nigeria.
- 2012 - James Mwangi, umukuru w’ibanke ya Equity, Kenya
- 2013 - Akinwumi Adesina, ico gihe yari umushikiranganji w’uburimyi muri Nigeria.
- 2014 - Aliko Dangote, yari umukuru wa kompanyi ya Dangote Group, Nigeria.