DR Congo - Ukraine: Umushikiranganji yatakaje akazi ku ngaruka z'intambara ku biciro

Yatangajwe

Umushikiranganji ajejwe ubutunzi bw'igihugu muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo (RDC) yakuwe muri reta inyuma y'uko inama nshimgamateka imukuyeko icizere ku wa gatatu.

Jean Marie Kalumba azize ko atashoboye kugenzura neza ibiciro vy'ivyankenerwa vy'ibanze mu gihugu.

Ingaruka z'intambara yo muri Ukraine ziri mu vyatumye ibiciro vy'ivyanekenerwa bitari bike biduga cane.

RDC igurira mu Burusiya 55% y'ingano ikenera, zindi 15% ikazigurira muri Ukraine.

Ariko izo ngaruka ntizahagije kugira umushikiranganji Kalumba yumvishe abashingamateka ko arizo zatumye ibiciro biduga umurengera muri iyi minsi.

Igiciro c'itoni y'amakara y'ibinonko (charbon/coal) cavuye ku ma dorari 88 (hafi 180.000 mu mafaranga y'Uburundi) mu 2021, ubu kigeze ku ma dorari 400 (hafi 820.000 mu mafaranga y'Uburundi ) mu 2022.

Mu kiringo kidashika umwaka, amafaranga yo gutwara ibintu mu bwato yaduze gushika ku rugero rwa 700%.

Ingaruka z'intambara muri Ukraine zaje gusongera isibe mu gutuma ibiciro vy'amavuta, ingano, amakara n'intete biduga cane bituma n'ivyankenerwa biva mu gihugu hagati biduga, nk'uko umushikiranganji yasiguye imbere y'uko haba amatora ku cizere ciwe.

Ingaruka z'intambara ya Ukraine ku bihugu vyinshi vya Afrika

Ariko n'aho yatanze izo nsiguro, abashingamateka 277 batoye ko yokwirukanwa muri reta, 79 bonyene baba aribo bashigikira ko yogumayo, nabo 12 ntibagira aho bahagaze.

Niwe mushikiranganji wa mbere akuwe muri reta n'inama nshingamagateka kuva ishinzwe mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze.

Si RDC yonyene iriko irahura n'ingaruka ziturutse ku ntanbara Uburusiya bwateye muri Ukraine.

Abantu bashika miriyoni 28 muri Afrika y'ubuseruko barashobora kugeramirwa n'inzara ikomeye kubera iduga ry'ibiciro bitumwe n'intambara yo muri Ukraine hamwe n'ikena ry'imvura muri uku kwezi kwa gatatu, nk'uko ishirahamwe ry'abagiraneza Oxfam rigabisha.

Kenya, Somalia na Ethiopia vyugarijwe n'ikena ry'imvura rya mbere rikaze mu myaka 40, aho ni mu gihe Sudan y'Epfo yo ihanzwe n'imyuzure, nk'uko Oxfam ivuga.

Iryo shirahamwe ryerekana kandi ico ryita ugusamazwa kw'amakungu n'ingwano yo muri Ukraine, ituma hatitabwaho ikibazo c'ikena ry'ivyo kurya mu karere ka Afrika y'ubuseruko.

Rivuga ko utwigoro mpuzamakungu two guhangana n'ico kibazo dufise uburyo budahagije na gato kuko ku miriyaridi 6 z'amadorari ONU ikeneye mu 2022 kugira igarukire ku bari mu kaga muri Ethiopia, Somalia na Sudan y'Epfo, 3% yonyene niyo amaze kuboneka.

Ibihugu vya Afrika y'ubuseruko bivana 90% y'ingano bikenera muri Ukraine n'Uburusiya, nk'uko itangazo ribandanya rivuga.

"Kubera uruzuba, indogobwa zacu zarapfuye, izo dusigaranye nazo ziragoyagoya ku buryo zidashobora gukwega intunduguru z'imizigo", ivyo bivugwa na Ahmed Mohamud Omar, umurimyi wo muri county ya Wajiir muri Kenya.

"Nguma nibaza ico umuryango wanje uzorya, aho ico bazorya ejo kizova, niba ejo nzoronka indobo canke ibido y'amazi."