Malawi: Ishavu kubera ikigongwe ku bategetsi bariye ibiturire

Yatangajwe

Umushikirizamanza mukuru muri Malawi yagirijwe gukingira abanyaporitike bo muri ico gihugu inyuma yo gutangaza ikigongwe ku bantu bivye reta canke bariye ibiturire.

Thabo Chakaka-Nyirenda yavuze ko mu mezi abiri ari imbere umuntu wese azokwemera ko yivye canke yariye igiturire/ruswa atazojanwa mu bucamanza mu gihe azoba yasubije amafaranga yagirizwa.

Ivyo bishitse um gihe ibiro vya Malawi bigwanya ibiturire biriko biragerageza gufata umushikiranganji ajejwe ubutaka, Kezzie Msukwa, kubera ubusuma buvugwamwo amafaranga aharurwa muri miriyoni z'amadorari burimwo umugwizatunga w'umwongereza aba muri Malawi, Zuneth Sattar.

Abo bagabo bompi bavuga ko ata caha bakoze.

Umukuru w'ikigo ca Malawi ca Demokrasi n'iterambere ry'ubutunzi, Sylvester Namiwa, yavuze ko gutangaza ico kigongwe vyerekanye ko uwo mushikirizamanza mukuru yitesheje agaciro ka poritike aca amusaba gutanga imihoho.

Amaze kubona ko ariko aranegurwa cane, uwo mushikirizamanza mukuru yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru avuga ko ico kigongwe kitazoba cerekeye ibintu vyoze bijanye no kwiba canke n'ibiturire.