Brésil: umugore yapfunzwe kubera gufyina abesha ko yandukiwe na coronavirus

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 1

Umunyabrezilikazi Claudete Maria Rosa da Silva yarahagaritse n'igipolisi inyuma y'ukubesha ko yanduye wa mugera ruhonyabantu wa coronavirus.

Maria Rosa da Silva w'imyaka 39, yagiye kw'ivuriro riri muri karitiye Copacabana yo mu bumanuko bw'umugwa mukuru wa Brezili avuga ko afise ibimenyetso vya wa mugera coronavirus kugira ngo bamureke yinjire imbere y'abandi.

Kugira ngo bemere ivyo yariko aravuga, yabeshe ko yari avuye Hong Kong iyo yahora akora nk'umuyaya.

Hong Kong iri mu ntara zivugwamwo uwo mugera ruhonyanganda umaze guhitana abarenga 1,000 mu Bushinwa.

Ku bwoba bwinshi, abaganga baciye baja mu ruhagarara, baca basaba ko Maria yokurikiranwa igihe kirekire.

Uyo mugore yabwiye bantu ko yanduye uwo mugera yaciye ashirwa mu cumba ca wenyene ca afatwa ibipimo vyinshi cane.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu nawe nyene yaraburiwe iyo nkuru kugira ngo hafatwe ingingo.

Claudete Maria Rosa da Silva yarashize igihugu cose mu bwoba ko catewe na coronavirus kubera ugufyinata.

Yahavuye afatwa n'igipolisi inyuma y'aho umuryango wiwe umenyeshereje ko atigeze ava muri Brezili kandi ko ata n'igitabo c'inzira afise. Yagiye kurekurwa ku wa Mungu.