BBC Gahuzamiryango yabateguriye amwe mu makuru makuru makuru yavuzwe cane mu Rwanda

Yatangajwe

Mu Rwanda haravuzwe cane umubano mubi n’igihugu c’u Rwanda, inyuma y’aho impande zompi zibandanije ziterana amajambo, u Rwanda rwagiriza Uganda ko ibandanya ifasha imirwi ishaka guhungabanya umutekano w’igihugu, kandi ko ihohotera abanyarwanda bari ku butaka bwayo. Uganda nayo yagiriza u Rwanda gukorera ibikorwa vy’igendereza ku butaka bwayo.

Imigenderanire hagati y'u Rwanda na Uganda yagiye kuba nabi gusumba kuva mu mpera z'ukwezi kwa kabiri uno mwaka, aho u Rwanda rufatiye ingingo yo kwugara umupaka wa Gatuna hagati y'ivyo bihugu bibiri, rukabuza amakamyo guca kuri uwo mupaka kubera ibikorwa vy'urwubako.

Haravuzwe kandi vyinshi mu biraba umutekano muri ico gihugu, aho Perezida Kagame atarya umunwa mu kuvuga ko uwuzohirahira akarondera guhungabanya umutekano bazomuhigisha uruhindu. Bimwe ni nk’ ibitero bibiri vy’inyeshamba vyakozwe mu kibira ca Nyungwe hafi y’umupaka n’u Burundi, ivyatumye u Burundi bushirwa mu majwi n’u Rwanda ko bufasha abashaka guhungabanya u Rwanda. Umuhari FLN niwo watangaje ko ariwo wakoze ivyo bitero, uciye ku wari umuvugizi wawo majoro Callixte Nsabimana "SANKARA". Mu nyuma niho uyo majoro Sankara yahavuye afatwa, amakuru akavuga ko yafatiwe mu birwa vya Comores.

Haravuzwe umuhari RNC uyobowe na Jenerali Kayumba Nyamwasa, aho abarwanyi bawo 15 bashikanywe muri sentare ya gisirikare bagirizwa ivyaha bitari bike harimwo gukorana n’igihugu c’amahanga mu ntumbero yo guhungabanya umutekano. Ibihugu vya Uganda n’u Burundi vyaravuzwe ko vyariko bifasha uwu murwi.

Haravuzwe kandi ifatwa ry’abahoze ari abategetsi b’umuhari w’inyeshamba FDLR, aribo koroneri Jean Pierre Nsekanabo alias Abega yari ashinzwe igendereza muri uyo muhari, hamwe na Ignace Nkaka alias La Forge Fils Bazeye yari umuvugizi. Bafashwe n’gisirikare ca DR Congo ku mupaka wa Bunagana bavuye muri Uganda mu kwezi kwa 12 umwaka uheze bavuye mu gihugu ca Uganda, bakaba barengukishijwe mu bucamanza ubwa mbere.

Muri politike, haravuzwe ivyerekeye Victoire Ingabire yahoze ayoboye umugambwe (Ishyaka) FDU – Inkingi, akaba yarasezeye uwo mugambwe atanguza uwundi yise (Development and Liberty For All), DALFA - Umurinzi. Iyo ngingo yatangaje benshi, aho bamwe bavuze ko agurishije bagenziwe bahoze basangiye kuyobora umugmbwe FDU, abandi nabo bati yaguzwe n’umugambwe uri ku butegetsi, ivyo ahakana.

Mu biraba inkino, haravuzwe ihiganwa ry’igikombe c’umupira w’amaguru ca Afrika, aho ibihugu vy’akarere, Tanzania, Kenya, Uganda, Uburundi na Repubulika y’Itwaro Rusangi ya Congo vyashoboye kuronka uburenganzira bw’ukwitabira izo nkino, ariko u Rwanda rukaba rutashobore kuronka ayo mahirwe. Hagati aho, rurishimira ko rwashoboye kwubaka inyubakwa y’agatangaza, Kigali Arena, mu ntumbero yo guteza imbere umupira w’amaboko (Basketball). Perezida Kagamwe ati: “Ntabwo iyi nyubako twayikoreye kubera ko isa neza gusa canke kuza kuyiraba gusa (…) tukishima, twayikoze kugira ngo ibihangange vy’u Rwanda, vya Afrika muri uyu mukino bishobore kuhitoreza, kuhakinira, kuhatsindira…”.

BBC Gahuzamiryango yarabashikirije kandi ibiganiro vyinshi bivuga ku bikorwa n’ubuzima bw’abagore.

Umviriza amakuru aramvuye aho hejuru.